Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Fabrice Iranzi:Yatanguje igikorwa c’amareresi ahinyanyuwe muducapo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Fabrice Iranzi:Yatanguje igikorwa c’amareresi ahinyanyuwe muducapo

Fabrice Iranzi:Yatanguje igikorwa c’amareresi ahinyanyuwe muducapo

mardi 12 Ntwarante 2013

Fabrice Iranzi n’ umusore yavutse kuwa mungu itariki 14 zu kwezi kwa kane 1990 i Gitega,imfura mumuryango w’abana batandatu. Yavutse kumuvyeyi yize ivyo kumenyesha amakuru akaba arinawe yanamutumye akunda uwomwuga.

Fabrice Iranzi yakuze akunda kwandika cane udukuru abagenzi biwe bakamubwira ko utwo dukuru twoshobora kuvamwo ireresi ariko yikundira kuvuza utuziki mw’isengero akaba bwirako azoba umuririvyi rurangira nwa.

JPEG - 37.2 ko

Mumwaka w’2010 niho umungezi wiwe yamusaba ngo amwandikire ireresi kuko yararonse amahera yukuyikora. Ahejeje kuyandika wa mugezi wiwe ntiyabaye akimufasha gukora ya reresi bica bimutuma atanguza umurwi yise ‘’ UMUGANI Group’’ waciye umufasha gukora iyo reresi ngufi ya mbere yiwe.

Fabrice Iranzi ahejeje gukora Film yiwe ya mbere yise UMUKUNDANYA yaragiye mwihiganwa ry’abantu bakora ama reresi ryateguwe na ABCIS ifatanije na studio Malembe Maa yamutumye aja kwiga ubundi buhinga bw’ugukora amareresi ajanwe nugucapa ariyo ‘’cinéma d’animation’’ i Kinshasa mu gihungu ca Congo.

Icatumye ahitamwo kugira cinéma d’animation nuko yashatse kwiga ibintu ata bandi bari bwa vyige hano iwacu kugira nawe aze kuvyigisha abandi.

JPEG - 11.4 ko

Fabrice Iranzi ahejeje igice ca mbere c’ivyo vyirwa vya cinéma d’animation yaciye agaruka hano iwacu atanguza urungada yise ‘’ j’anime’’ kugira yigishe abandi ivyo yari yakuye muri Congo kuko yifuza guhura nabantu bakunda kandi bazi gucapa banamufashe kuko atawokwikorana ari wenyene

Fabrice Iranzi yimirije kuja guheza izonyigisho zugukora amareresi afadikanijwe nugucapa i kinshasa tumwifurije gutera imbere


Alice-Anny Akingabiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.