Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Facebook igomba gutanga akazi k’umurwi wa Start-up Storylane - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Facebook igomba gutanga akazi k’umurwi wa Start-up Storylane

Facebook igomba gutanga akazi k’umurwi wa Start-up Storylane

samedi 9 Ntwarante 2013

Facebook yamenyesheje kuri uyu wa gatanu ko igiye gutanga akazi kuri batanu mu bagize umurwi start-up storylane,ishirahamwe rito rigiye guhagarika ibikorwa vyawo.

"Umurwi storylane ngo ugiye kuba nk’inyungu idasanzwe kuri Facebook. Ibikorwa biheruka bakoze,vyerekana neza igikorwa kinonosoye kandi gishemeye,bituma bashimwa na Facebook" nkuko vyashikirijwe n’uwo murwi mw’itangazo barungitse babicishije ku buhinga ngurukana bumenyi.

Facebook yaragerageje ino ndwi kwishura ku bibazo n’impungenge zijanye n’igabanuka ry’ugukora ugereranije n’iyindi mihora,cane cane kubakiri bato bayikoresha,mukumenyesha itunganywa rishasha ryo kumenya amakuru abanywanyi bayo basoma kuvyo bagenzi babo banditse.

Ivyo rero ngo bikaba bizobafasha gusobanura neza no gutunganya neza ibikorwa vyabo.

Storylane yari yashinzwe haraheze imyaka ibiri na Jonathan Gheller,yanemeje mu butumwa yarungikiye abanywanyi b’umuhora wiwe ko umurwi yari arongoye ugiye kwifadikanya na Facebook ariko ko atabiharuro vyabo bari bafise.

Arongera akamenyesha ko Storylane naho igiye guhagarika imirimo yayo,iriko irakora ibindi bikoresho kugira bifashe ababikeneye kwunguruza inyandiko zabo mu yindi mihora igikora.

Ishakashaka rya Start-up yemewe mugukoresha abahinga ngo ni kimwe mu bikunze gukoreshwa muri Silicon Valley,rikoreshwa cane muri aya mezi na Marissa Mayer,arongoye umurwi wa internet Yahoo,ushaka gusubira kugwiza abanywanyi bawo.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.