Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Facebook: imiriyoni 6 z’abanywayi bahuye n’”ingorane” - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Internet > Facebook: imiriyoni 6 z’abanywayi bahuye n’”ingorane”

Facebook: imiriyoni 6 z’abanywayi bahuye n’”ingorane”

samedi 22 Ruheshi 2013

Ingorane yico mu buhinga bwa none bita “logiciel” co muri Facebook caratumye irwo rubuga nguukanamakuru rurungika inomero za terefone zabantu bakoresha facebook bashika ku miriyoni 6.

Iyo ngorane yashitse Facebook itabishaka kandi bitabaturutseko nkuko iryo shirahamwe ryavyebisiguye ku wa gatanu urangiye. Facebook ikaba yarahumurije abo banywanyi babo bashikiwe n’iyo ngorane ko batogira ubwoba kuko “atangorane nini bizotera”. Bamenyesheje ko atavyerekeye numero zama konte zabo zo mu mabanki zahuye “niyo ngorane”. Iyo ngorane ikaba yashitse aho umunywanyi umwe wa facebook yariko aragerageza kubika ivyo yanditse muri kahise akoresheje icitwa "Download Your Information" (DYI).

Facebook iti:” Turubahiriza ubuzima bw’abantu kandi tubugumiza mw’ibanga”. Iryo shirahamwe rikaba ryongeye kwisigura ko “ata shirahamwe kw’isi ryoshobora kwemeza ijana kw’ijana ko atangorane izipfa ibashikiye naho ryoba rifise abahinga bibicocoro”.


Luc-Noël INGABIRE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.