Accueil > Ubuhinga bwa none > Facebook yabeshuje ivyagiye bivugwa kwicika ry’imihora yabo
Facebook yabeshuje ivyagiye bivugwa kwicika ry’imihora yabo
mardi 27 Nzero 2015
Mu gihe uno munsi urubuga ngurukana bumenyi facebook, imihora yayo yacitse umwanya ungana n’iminota 50 kw’isi yose, abatwara iryo shirahamwe babeshuje bavuga ko ata bantu bagomvye kwinjira mu bikorwa vyabo cane cane mu buhinga bw’ivyuma (systemes informatiques) kugira basubiremwo ivyo basanzwe bakora hanyuma bavyonone (piratage)
Uno munsi igenekerezo 27 Nzero, abantu bakoresha urubuga facebook mu gatondo ntivyabakundiye kwugurura urwo rubuga. Ivyo vyabaye kw’isi yose kandi bimara iminota 50. Abantu bagiye bandika ku ngurukanabumenyi zabo na cane cane ku rubuga twitter bavuga ko icatumye haba iyo ngorane ari abantu bagomvye kwinjira mu bikorwa vy’iryo shirahamwe rya facebook mu buryo bwo gushaka kwica ibikorwa vy’iryo shirahamwe ariko biranka, mugabo ishirahamwe facebook ryabeshuje ivyo abantu bavuze.
Iryo shirahamwe rikavuga ko habaye ingorane ivuye kwihinduka bagomvye kugira igatuma ibintu bitagenda neza, mugabo ko ubu ibintu vyagiye mu buryo kubera baciye babikora ningoga, kandi ko n’ibisata bibiri vyari vyibonekejemwo ingorane bikora ukuri kwamye.
Mwomenya ko iyo ngorane ku rubuga rwa facebook yibonekeje isaha imwe irenga gato yo mu gatondo ija guhera hafi isaha zibiri zo mu gitondo.
Lorene Nubwabo