Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Facebook yabeshuje ivyagiye bivugwa kwicika ry’imihora yabo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Facebook yabeshuje ivyagiye bivugwa kwicika ry’imihora yabo

Facebook yabeshuje ivyagiye bivugwa kwicika ry’imihora yabo

mardi 27 Nzero 2015

Mu gihe uno munsi urubuga ngurukana bumenyi facebook, imihora yayo yacitse umwanya ungana n’iminota 50 kw’isi yose, abatwara iryo shirahamwe babeshuje bavuga ko ata bantu bagomvye kwinjira mu bikorwa vyabo cane cane mu buhinga bw’ivyuma (systemes informatiques) kugira basubiremwo ivyo basanzwe bakora hanyuma bavyonone (piratage)

Uno munsi igenekerezo 27 Nzero, abantu bakoresha urubuga facebook mu gatondo ntivyabakundiye kwugurura urwo rubuga. Ivyo vyabaye kw’isi yose kandi bimara iminota 50. Abantu bagiye bandika ku ngurukanabumenyi zabo na cane cane ku rubuga twitter bavuga ko icatumye haba iyo ngorane ari abantu bagomvye kwinjira mu bikorwa vy’iryo shirahamwe rya facebook mu buryo bwo gushaka kwica ibikorwa vy’iryo shirahamwe ariko biranka, mugabo ishirahamwe facebook ryabeshuje ivyo abantu bavuze.

Iryo shirahamwe rikavuga ko habaye ingorane ivuye kwihinduka bagomvye kugira igatuma ibintu bitagenda neza, mugabo ko ubu ibintu vyagiye mu buryo kubera baciye babikora ningoga, kandi ko n’ibisata bibiri vyari vyibonekejemwo ingorane bikora ukuri kwamye.

Mwomenya ko iyo ngorane ku rubuga rwa facebook yibonekeje isaha imwe irenga gato yo mu gatondo ija guhera hafi isaha zibiri zo mu gitondo.


Lorene Nubwabo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.