Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Fariouz agiye mu mahanga asize ivyiza n’ibibi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Fariouz agiye mu mahanga asize ivyiza n’ibibi

Fariouz agiye mu mahanga asize ivyiza n’ibibi

jeudi 25 Kigarama 2014

Fariouz yatangaje ko ashitse amahoro mu gihugu c’Ubufaransa, agiye kuraba umwana n’umugore wiwe. Asize akoze indirimbo zitari nke n’ibiteramo bitari bike.

JPEG - 70.1 ko
i foto yashizeko ashitse mu Bufaransa

Fariouz yatangaje ko ashitse impundu amarembe mu Bufaransa. Amezi yaramaze mu Burundi yarakoze ibitari bike mu kazi kiwe k’umuziki naho haraho yagiye agira ibibazo akavugwako ibintu bibi. Aha tuvuga nk’igihe yasohora ururirimbo "What’s my name"bikavugwa ko hari abo yifatiye mu gahanga, si ivyo gusa, yaranavuzwe ko akaborerwe no gusiba mu biteramo vyari kubera muri Afrika y’Epfo bikanamuteranya na Kiyoyo Juma yari yabiteguye, hamwe n’ukurwana na Lolilo bahuriye mu giteramo.

Fariouz yarasohoye urutonde rw’indirimbo zitari nke, uri izo yasohoreye amasanamu nka "What’s my name", Feelings yaririmbanye na Matabaro hamwe na Wyn up yakoranye n’umuganda. Urutonde rw’indirimbo(audios) yakoze ni: Kiwelewele, Wezere yakoranye na Sat b, Niko sawa, Warahindutse , Ese iyomenya, Nakulove yasubiyemwo... Yararonse akanya ko kuzunguruka intara zitari nke z’Uburundi aho yabaye umuserukizi w’ihiganwa Primusic rya Brarudi, yaranaronkejwe agashimwe mw’ihiganwa rya Top Ten Tube Music Awards ritegurwa na Bonesha.

Umviriza uririmbo "Niko sawa" rwa Fariouz


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.