Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Fariouz avuga ko Kiyoyo Juma yashatse kumwararaza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Fariouz avuga ko Kiyoyo Juma yashatse kumwararaza

Fariouz avuga ko Kiyoyo Juma yashatse kumwararaza

lundi 22 Nyakanga 2014

Fariouz arahakana ivyo yagirizwa na Kiyoyo Juma. Gusiba ibiteramo ntivyamuvuyeko ariko vyatumwe n’uko ’Visa" yatevye gusohoka aho yataegerezwa kuyitora. Amahera yose avuga ko yamuhaye yari ayo gukoresha mu kuondera impapuro zamushikana muri Afrika y’Epfo.

Ku bwiwe ntiyari gusiba ibiteramo nka birya ikibazo cabereye aho yategerezwa gutora urupapuro rw’inzira "Visa". Kugira aronke iyo "Visa " bamusavye ko yosiga amahera y’ingwati "caution", eka baranamusavye kubabwira amahera ari mu bubiko bw’uwumutumyeko (situation Bancaire). Ivyo vyose yagumye abibwira Kiyoyo Juma arik ngo ntiyashatse kumwumviriza.

Amahera yose Kiyoyo Juma yamurungikiye yarazi neza gikorwa ayatangiye kuko ntiayri mu yo ahembwa. Bisigura ko Fariouz ata mahera na makeyi afitiye Juma. Uwo muririmvyi arababazwa cane n’inyifato Kiyoyo Juma yerekanye mu kumwararaza hirya no hino ko vyinshi abitumwa n’akaborerwe.

Mwomenya ko ayo makuru twayahawe na bagenzi bacu bakora mu kinyamakuru indundi.com. Nayo Fariouz muri kino gihe yoba abarizwa mu gihugu ca Republika iharanira intwaro Rusangi ya Congo


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.