Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Fariouz yatanze igenekerezo ry’igiteramo yasabwe kugirisha muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Fariouz yatanze igenekerezo ry’igiteramo yasabwe kugirisha muri (...)

Fariouz yatanze igenekerezo ry’igiteramo yasabwe kugirisha muri Hollande

lundi 2 Ntwarante 2015

Fariouz amaze kugirisha igiteramo co gusubiza hamwe na Kiyoyo Juma i Anvers mu karere ka Flamand mu bu Birigi, abakunzi biwe muri Hollande baciye basaba ubutarariye igiteramo nk’ico iwabo.

JPEG - 87.6 ko
Fariouz mu giteram co kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma mu Bubiligi

Kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma, umunsi wahariwe abakunda, Fariouz abifashijemwo na Kiyoyo Juma yagirishije igiteramo c’agakura i Antwerpen mu Bubirigi. Nk’uko amakuru duhabwa na Kiyoyo Juma abivuga, yaciye aronderwa cane n’abakunzi ba Fizzo bari mu Buholande bamusaba gutegura igiteramo nk’ico muri ico gihugu. Kiyoyo nawe aravyemera.

Nk’uko icapa ntangaza giteramo(Affiche) kivyerekana kandi bikemezwa na Kiyoyo, igenekerezo rya 11 Ndamukiza, kuva isaha zitatu z’ijoro gushika isaha cumi na zibiri z’igitondo, Big Fariouz azoba ariko ateramisha abarundi n’abanyamahanga bose bamukunda i BINCKHORSTLAAN 36, 2516BE Den Haag. Kiyoyo Juma abwira IGIHE ko ico kibanza(salle) kizimvye cane kubera bayifashe gushika buce.

JPEG - 77.7 ko
Agace gatoyi ka salle izoberamwo igiteramo

Kiyoyo Juma abandanya avugako ashimishwa n’inyifato ya Fariouz aho adacegwa n’umunota ku mwanya baba bumvikanyeko. Ikindi mwomenya n’uko aba "DJ": DJ Alain Mabilo na Dj Saidobazovuza mu giteramo ari Abarundi bose . DJ Alain Mabilo, Kiyoyo atubwira ko ari imvukira y’i Gitega yahoze ari nyene ubutambiro TUPAC, Dj Saido nawe yahoze avuza kuri Havana Club.

Akarere kazoberamwo ico giteramo gasanzwe kabamwo abarundi benshi, bigatuma citabwa ku rugero runini n’abo, hamwe n’incuti n’abagenzi zabo z’abazungu.

JPEG - 138.7 ko
Fariouz mu giteram co kw’igenekerezo rya 14 Ruhuhuma mu Bubiligi

Umviriza "Niko sawa" rwa Fariouz


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.