Accueil > Ubutunzi > Faustin Ndikumana ahamagarira Reta kuganira n’abaranguzi b’igitoro
Faustin Ndikumana ahamagarira Reta kuganira n’abaranguzi b’igitoro
vendredi 20 Ntwarante 2015, par
Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM ( Parole et Actions pour le réveil des consciences et l’évolution des mentalités) ahamagarira Reta kwicarana bakaganira n’abasanzwe barangura igitoro hanze mu ntumbero yo gutora inyishu y’ico kibazo c’igitoro cabaye akananira abahinga.
- Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM
Mw’ishirahamwe PARCEM babona ko hari hakenewe ibiganiro nyakuri hagati ya Reta hamwe n’abasanzwe bazana igitoro mu gihugu, mu ntumbero yo gutorera inyishu ingorane y’ibura ry’igitoro hamwe n’amafaranga y’agaciro bivugwa ko atayahari, nk’uko bishikirizwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM. Ivyo biganiro nivyo vyotuma ico kibazo gitorerwa umuti n’imvugo zitandukanye no kutabona ibintu kumwe hagati mu basanzwe bari muri Reta zikagabanuka.
Tubibuste ko haheze iminsi kurondera igitoro, bisa no kurondera umuzi w’ibuye. Umushikiranganji Rose Nizigiyimana asigura ko iryo kena ry’igitoro riva ahanini kw’ibura ry’amafaranga y’agaciro , akaba kandi atani nyishu abona ya vuba botorera ico kibazo, ariko ku ruhande rwo mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta bobo bakaba bavuga ko, ata ngorane nimwe y’amafaranga y’agaciro ihari, nk’uko vyashikirijwe na Desiré Musharitse asanzwe avugira ubwo bushikiranganji, hagati aho ingaruka zikaba zitanguye kwibonekeza ari nyinshi, mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu.
Floxella Karire
Messages
20 Ntwarante 2015, 11:32, par SIHONDI Levis
FAUSTIN; NAHORA NKWEMERA KANDI NKABONA KO UTANDUKANYE NAYANDI MASHIRAHAMWE; MUGABO WARANYUMIJE MURI KABIZI AHO WIHANUKIRIYE UKEMEZA ABANYAGIHUGU KO LETA YA NKURUNZIZA IMAZE IMYAKA CUMI; ATAKINTU NAKIMWE YAKOREYE ABANYAGIHUGU!!!!!!!!!!!!!! IVYO WAVUZE UMENGO WABITUMWE NA LEONCE; PACRAS; NYANGOMA; RWASA; TASIYANO; MUGWENGEZO;ABONABO BAKABA ARI ABANYAPOLITIKE. NDAVYIHWEJE NASANZE URI UMUNYAPOLITIKE KO IVYO UVUGA ARI UKUGIRA WICIRE IFARANGA!!!!!!!! NUKURI IKIBANZA CAWE MUGISANGIYE NABA MUJERI KUKO WAVUZE AYAMUHE!!!!!