Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FC Barcelona yatahukanye igikombe c’isi c’imirwi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > FC Barcelona yatahukanye igikombe c’isi c’imirwi

FC Barcelona yatahukanye igikombe c’isi c’imirwi

lundi 21 Kigarama 2015

Umurwi wa FC Barcelona watahukanye igikombe c’isi c’imirwi cabera mu gihugu c’Ubuyapani.FC Barcelona yatsinze umurwi River Plate mu rukino rwa nyuma ku bitsindo bitatu ku busa.

Ivyo bitsindo vyinjijwe na Lionel Messi na Louis Suarez, bafashije FC Barcelone gutahukana igikombe ca gatanu muri uyu mwaka.

Umumenyereza Luis Enrique yatanguye umwaka nabi inyuma yo gutsindwa na Real Sociedad benshi batanguye kuvuga ko atari ku rugero rwo kumenyereza umurwi nka FC Barcelona,ariko ubu niwe mu menyereza ari mu munezero inyuma yo gutwara ibitsindo bitanu mu mwaka umwe.

Igitsindo ca mbere catsinzwe na Lionel Messi ku munota wa 36 w’urukino ibindi bibiri bitsindwa na Louis Suarez mu gice ca kabiri c’urukino.

Ico gikombe bagitsindiye inyuma y’ico ihiganwa rya Espagne,igikombe ca League des champions,ico umwami n’igikombe gisumba ibindi ku mugabane wa Buraya.

Inyabutatu igizwe na Lionel Messi, Suarez na Neymar imaze gutsinda ibitsindo 176 kuva umwaka w’inkino w’2015 utanguye,mu gihe mu mwaka w’2012 bari binjije ibitsindo 175.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.