Accueil > Inkino > FOOTBALL > FC Barcelona yatahukanye igikombe c’isi c’imirwi
FC Barcelona yatahukanye igikombe c’isi c’imirwi
lundi 21 Kigarama 2015
Umurwi wa FC Barcelona watahukanye igikombe c’isi c’imirwi cabera mu gihugu c’Ubuyapani.FC Barcelona yatsinze umurwi River Plate mu rukino rwa nyuma ku bitsindo bitatu ku busa.
Ivyo bitsindo vyinjijwe na Lionel Messi na Louis Suarez, bafashije FC Barcelone gutahukana igikombe ca gatanu muri uyu mwaka.
Umumenyereza Luis Enrique yatanguye umwaka nabi inyuma yo gutsindwa na Real Sociedad benshi batanguye kuvuga ko atari ku rugero rwo kumenyereza umurwi nka FC Barcelona,ariko ubu niwe mu menyereza ari mu munezero inyuma yo gutwara ibitsindo bitanu mu mwaka umwe.
Igitsindo ca mbere catsinzwe na Lionel Messi ku munota wa 36 w’urukino ibindi bibiri bitsindwa na Louis Suarez mu gice ca kabiri c’urukino.
Ico gikombe bagitsindiye inyuma y’ico ihiganwa rya Espagne,igikombe ca League des champions,ico umwami n’igikombe gisumba ibindi ku mugabane wa Buraya.
Inyabutatu igizwe na Lionel Messi, Suarez na Neymar imaze gutsinda ibitsindo 176 kuva umwaka w’inkino w’2015 utanguye,mu gihe mu mwaka w’2012 bari binjije ibitsindo 175.
Van Naris Mugisha
Messages
22 Kigarama 2015, 03:56, par MESSI LIONAIR
MESSI LIONAIR NDAGUJUNDA KUKO URUMUKI WAKARORERO NIJEWE UMUFANA WABARSELONA
22 Kigarama 2015, 03:58, par MESSI LIONAIR
MESSI LIONAIR NDAGUJUNDA KUKO URUMUKI WAKARORERO NIJEWE UMUFANA WABARSELONA DEZIRE NZOHABONAYO
22 Kigarama 2015, 12:33, par Gilbert NZAMBIMANA
FCB ntibitangaje kuba yaronse igikombe c’agatanu n’ibindi vya 2015-2016 izobitwara atacamira kuko n’umurwi ukomeye cane.
24 Kigarama 2015, 11:36, par netweyzlix
nari ndavyiteguye
25 Kigarama 2015, 06:02, par J.Marie ndayizeye
FCB nitsinde irabikwiy kuko irimwo ibihangang.nibakomere
25 Kigarama 2015, 18:13, par Etienne IRUMVA
Nukuri umumenyereza wa Fc Barcelone nambandanye ukonyene!
2 Mukakaro 2016, 21:49, par Isaac
Messi Komera Wavyaye Babiri Neyimare Na Nswareze Konca wa Tsu Komera Usisikare Akazi