Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FC Barcelone yatsinze Real Madrid : MNS na BBC vyagenze gute? - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > FC Barcelone yatsinze Real Madrid : MNS na BBC vyagenze gute?

FC Barcelone yatsinze Real Madrid : MNS na BBC vyagenze gute?

lundi 23 Ntwarante 2015

Urukino rwahuje imirwi y’ibihangange mu gihugu ca Espane no kw’isi, ariyo Real Madrid na FC Barcelone rwarangiye ku ntsinze ya FC Barcelone. Louis Suarez yahagaze nk’umukinyi yokwitirirwa urukino ku ruhande rwa FC Barcelone.

Mu rutonde rw’inkino z’umupira w’amaguru batazira El Classico, FC Barcelone yirahiye kuri uwu w’Imana umukeba wayo Real Madrid ku bitsindo 2 kuri 1. Igitsindo ca mbere c’umurwi wa FC Barcelone cinjiye ku munota wa 19 ku mutwe uvuye mu mfuruka watewe na Jérémy Mathieu w’izamu rya Iker Casillas w’imyaka 33.

Umunezero wa Barcelone ntiwamaze umwanya munini inyuma y’ico gitsindo kuko ku munota wa 31 CR7 canke Cristiano Ronaldo yinjije igitsindo carangije igice ca mbere c’urukino.

Abakinyi bo mu runani BBC na MNS bavyifashemwo gute?

Abakunda urukino rw’umupira w’amaguru babona ko urukino ruhagaze cane cane ku basatirizi Benzema, Bale na Cristiano (Real Madrid), hamwe na Messi, Neymar na Suarez (MNS). Intsinzi rero yatahukanye abo banyuma ku kibuga c’i Camp Nou ca FC Barcelone.

Abakinyi nka Neymar yarahushije ibitsindo kandi vyaboneka ko acunzwe cane, Suarez nawe nyene yaracunzwe cane gushika aho amakosa yabaye menshi kuri Pepe yahavuye asubirizwa kubera gutinya guhabwa ikarata itukura. Lionel Messi ntiyabonetse cane mu gice ca mbere c’urukino ariko mu gice ca kabiri yari yazikenyeye.

Ku ruhande rwa Real Madrid, Cristiano Ronaldo yinjije igitsindo c’umurwi wiwe kandi imipira myinshi yaciye ku ruhande rwiwe na Marcelo bayakira neza, eka na Benzema yakinye neza, ariko Bale ntiyakinye nk’uko yahora. Bale yaranidogewe n’abakunzi ba Real Madrid, babazwa n’uko James Rodriguez atabaye akomeye ariwe yari gukina muri ico kibanza.

FC Barcelone iciye ija kw’isonga mu nkino z’igikombe ca La Liga co muri Espagne n’ibitsindo 68 kuri 64 vya Real Madrid. Biri uko mu gihe hasigaye inkino 10 kugira ihiganwa ryo muri Espagne rihere.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.