IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Bamvuginyumvira yasabwe ingwati kugira asohoke ibohero rya Mpimba

Bamvuginyumvira yasabwe ingwati kugira asohoke ibohero rya Mpimba

jeudi 19 Kigarama 2013

Frederic Bamvuginyumvira yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu ahejeje gusabwa ingwati y’amafaranga kugira arekurwe, aho yari yafashwe ku wa gatanu Kigarama uyu mwaka, aca ajanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba ku wa 9 Kigarama uyu mwaka.

Yafashwe n’abaporisi bo mw’igendereza yagirizwa kurenga ibigo, ariko guca ajanwa mw’ibohero rya Mpimba inyuma y’iminsi ine, igihe ico caha caca kivyara kuba yashatse guha igiturire abamufashe kugira bamureke. Abatari bake rero, yaba umuryango wiwe, abo bari mu mugambwe umwe canke abandi bo muyindi migambwe, ndetse n’abaharanira agateka ka zina muntu, bakaba barasavye ko yorekurwa mu gihe abo bose bavuga ko ari irementanya yagiriwe kugira acafuzwe, mu gihe vyanurwanurwa ko ariwe yoserukiye Ikibiri mu matora yo mu mwaka w’2015.

Sentare irwanya ibiturire ikaba yafashe ingingo kuri uyu wa 19 Kigarama yafashe ingingo yo kumurekura ari ukwo abanje gutanga amafaranga angana n’umuriyoni w’amarundi nk’ingwati. Bikaba vyavuzwe ko arekuwe ivy’agateganyo. Iryo sohoka rya Bamvuginyumvira rikaba rije, mu gihe kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 17, yari yarengutse maze hafatwa ingingo ko sentare igiye kwihweza ko yoguma mw’ibohero canke ko yotaha mu masaha 48.

Ayo masaha 48 akaba azorangira ku munsi w’ejo igenekerezo rya 20 Kigarama. Mu gihe umuryango wiwe n’abakunzi biwe bari banezerejwe n’isohoka ryiwe, mw’iyandikiro ry’imanza ho bakaba banse kwakira iyo ngwati, kuko aboba baramwitwariye boba bavuga ko bunguruje urubanza. Ubu rero igisigaye akaba ari ukurindira ingingo ya sentare yo kurwanya ibiturire, inyuma y’ayo masaha 48, urubanza ruri mu mwiherero.


Aristide Nizigire

Messages

  • Iryo nirementanya bariko baramukorera mbe abo ba cndd feed no birigwa barateza inda abana bato bo ko barafatwa

  • BAMVUGINYUMVIRA ararenganwa ntaca cubusanyi yakoz kd ntanigiturire yatanze

  • Nimbe koko uyo mugabo arenganyw na Leta nkuko bagenziwe babivuga, bomurekura hama bagakoresha iyindi mikenyuro kuko gufunga les opposants nukubafasha kwigisha ses idées kandi hariho autres moyens scientifiques ou intellectuelles de les neutraliser.

  • ego sha zizi urazi ingen abo ba dd atawo bagera umutwe mutwana dutoduto baduhendesha amahera kd bafashwe naho uwumufashe bagaca bakerera nkimpene?uwo nibamureke kuk nuwo wunva barikumwe siw yitway kd na madamu wiw ntiyitwaye none gayemwe ibitababaje patiri bibabaza abakorezi??????? ni bamaramare bahore turabona inforo yabo ariko tot ou tard bizomenyekana.ariko ntaco amashure bafise sikirenga kuk ayanyuma bayahereje kurugamba nico gituma batazi iryo kosa ingene rihanwa.ariko ndashobora kubibutsa."iyo umwe yafashwe arenzibigo uwobubakanye niwe ategerezwa kwitwara icaha kikabona kumwagira sinon aba arurusaku.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.