Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Festus NTANYUNGU : "Ntidushaka ko abarundi basubira gutemana" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Festus NTANYUNGU : "Ntidushaka ko abarundi basubira gutemana"

Festus NTANYUNGU : "Ntidushaka ko abarundi basubira gutemana"

jeudi 26 Ntwarante 2015, par Egide N

Festus NTANYUNGU, umwe mu bagumyabanga bakomeye ba CNDD FDD baheruka kwandika biyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza, amenyesha ko bandikiye umukuru w’igihugu kugira bamukebure, kuko biboneka ko mu gihe yokwitoza amaraso ashobora guseseka mu Burundi.

Nk’uko bivugwa n’umushingamateka Festus NTANYUNGU asanzwe ari mu rwego rujejwe indero mu mugambwe CNDD FDD, intumbero y’abo biyamiriza ikiringo ca gatatu, n’uko badashaka ko Uburundi n’abarundi basubira gutemana.
Festus NTANYUNGU agira ati : "Nta mvo n’imwe muri iki gihugu dushobora kwemera kwakira ivuga ko mu Burundi twokwemera ko abarundi batemana. Imivyimba yabaye muri iki gihugu ni myinshi cane."

JPEG - 20.9 ko
Umushingamateka Festus Ntanyungu

Abo Bagumyabanga badashigikiye ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza basaba ko ico kibazo cotorerwa inyishu, ariko iyo nyishu ikaba iy’uko amahoro atsimbatara mu Burundi, nk’uko amasezerano y’i Arusha yafashije kubishikako, kandi imigambwe n’imihari yose yemeje ayo masezerano ikaba yavuze ko yemeye ko igiye kubana mu mahoro, igahakana gusubira kuja mu ntambara.

Mu gihe bamwe muri abo biyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza bamaze kubaka ababacungerera umutekano, umushingamateka Festus Ntanyungu agabisha umushikiranganji w’umutekano ko nihagira ico baba ariwe azobibazwa.

Tububitse ko cumi muri abo bahanuye Petero Nkurunziza kudasubira kwitoza bamaze kwirukanwa mu mugambwe CNDD FDD. Abo nabo akaba ari : Léonidas Hatungimana avuka mu ntara ya Cankuzo, asanzwe ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu, Nduwimana Onésime avuka mu ntara ya Gitega, akaba yahora ari umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD, Barahemana Fransisko avuka mu ntara ya Bujumbura, Kanyange Géneviève avuka mu ntara ya Kayanza, akaba yahora arongoye urwego rw’Abakenyererarugamba (Abakenyezi bo mu mugambwe CNDD FDD) mu gihugu cose. Niragira Yohani Berchmans avuka mu ntara ya Cankuzo, umushingamateka Bucumi Moise avuka mu Ruyigi, Nsabiyumva Evariste avuka mu ntara ya Karusi, akaba ari umuvugizi w’umuhuza w’abarundi, Nyandwi Anselme avuka mu ntara ya Bubanza, akaba ari nawe aramutswa iyo ntara, umushingamateka Ndayiziga Oscar avuka mu ntara ya Muramvya, akaba ari nawe yahora arongoye iyo ntara.

Messages

  • Irukana abo ba rebel barakagorwa,nibagende muri Uprona.bazobaze Ngeze niwe azobacira kumayange

  • Iyo umuntu amaze kubana ameru menshi biragoye ko umukura inyama mwitama
    nkurunziza yishwe nabamuhenda bakamuvymbisha umutwe bamuta mukaga niyitegure gusangayo Bagbo yao basengana hamwe i rahe

  • Uri umugabo! abandi ni za mujeri.! Komera abagumyabanga turinyuma yawe. ashaka manda ya gatatu ni abagumyabondo.

  • @kabura

    Ngeze kubera iki wa mu voyou we? Ngeze niwe yamaze abantu n’itunga ry’igihugu? Ngeze niwe yishe ababikira b’abataliyano? Ngeze ni we amariye Abahutu ku buhomba? Reka sha pfa neza hanyuma urondere mandat.... Turi kumwe nk’amatwi n’amabinga!

  • @kabura

    Ngeze kubera iki wa mu voyou we? Ngeze niwe yamaze abantu n’itunga ry’igihugu? Ngeze niwe yishe ababikira b’abataliyano? Ngeze ni we amariye Abahutu ku buhomba? Reka sha pfa neza hanyuma urondere mandat.... Turi kumwe nk’amatwi n’amabinga!

  • Komera gelase urumugabo.....nikuza muriyamiriza abashaka kuduta mwihumbi.turashigikiye ikiringo ca kabiri.kuko niho tuzoba twitoreye nyenecubahiro president NKURUNZIZA alias Peter.

  • wait and see nuzobahumira nka Yezu ahumira ibishegu abo badashaka kuva kurico kinyoma

  • Iyinkuba Irabije ntuvuge ngo marabansi nuwukunda birajana, ico kigwa rudubi ngo nimubieukane

  • HAAAA fESTUS WWE UKO TUKUZI IZO NI KASHI WARIYE KANDI BIRABONEKA KUKO IYO NYIFATO NTAYO TWAKUZIGAKO.
    IMPANURO NIWISHIKANE WANDIKE IKETE USABE IMBABAZI ABAGUMYABANGA HANYUMA UREKE GUKURIKIRA ABO BAGABO BATAZI URUGAMBA ICARICO
    IYO NI IMPANURO NZIZA KANDI WOYIKORERAKO UZONDONDERA UMPE ICUPA KUKO WWE TURAZI UBUGABO BWAWE AHO BUGERA.

  • je mbona nimba uko nama mbona haba ibikorane jour et nuit ,ariko IMANA itubona ivyo tugira ndabatwenze kandi mbabaye.ivuga iti:"nta babeshi,ntabangushi, ntabakunzi binda, ntabicanyi ,ntabikunda,bazoragwa ubwami bw’IMANA.

  • Jewe mbona iki gihugu Imana yatwihereye kigeze aho umwansi ashaka kabisa. Nobahanura kuza tukambara amagunira twese kuva hejuru kugera hasi, dutakambire Imana itugirire ikigongwe twaracumuye twese!! Nitwaca bugufi tugasenga, tukisengera, tugasengera niki gihugu IBINTU BIZOGENDA NEZA. Sinon amajambo mabi, urusaku, gutanako ibirake, ....ntaco bizotumarira.

  • ewentanyungu nimutembe nakare ntiwarumumirita watayuwomwarikumwe kurugamba ujamuri shirira iyondayawe izogta nakare yuronzibiharage incengazija hejuru zigaseseka kandi ntawuzitora nimugengende absgumyabanga bumutima turiho turawubona peteronawe komera muzicuza

  • @ Nduwimana
    Ur’ ikijuju cane!!! Manda ya kabiri ya so buja muri 2015??? ronder’ukungene womenyana na ca kijujukazi kindi ciyita Nuwera musibire kwishure mwige guharura no kwandika. Any way mandat siyo ngorane nyamukuru. Ingorane nya mukuru ziraj’ishing’ abarundi nizi:

    . Mumyaka cum’ amaz’ atwar’uburundi Peter N yaragaragaaje ko nta nakimwe yishoboreye and therefore sinibaza ko har’ umurundi wumutima numwe yo kongera kwifuza kumubona murayo mabanga. Atar’ibijuju nkawe, Nuwera nabandi bategetsi bake batabon’ukungene bazobaho hamw’ibintu byohinduka,kuber’ amabi bakorey’ abarundi mumyaka 10 iheze,ninda zabo batabon’ ukungene zizokongera kuzur’ igihe batazoba bagishoboye kwib’ ibyabanyagihugu.

    CNDD FDD( The sinking Titanic),yatanguye kwibira kera and therefore abarundi bumutima nka: Léonidas HATUNGIMANA,Richard nimbesha nabandi bareba kure bariko barasohokamo. Abagumya banga hafi ya twese tubar’ inyuma eka mbere beshyi turindiriye gus’ umunsi Petero yamaze kwemanga ko azokwitoza nih’uzobona ko abagumyabanga batakir’ inyuma yako kagwi kibisahiranda bya petero. Mugabo hari nibijuju bizoguma byishing’ inda byibirane na Titanic(CNDD FDD ya Petero), Viva CNDD FDD Nyakuri.

  • Bwabundi,uburundi buri n’abagabo!kiretse abo bajuju,banditse yamuhe!

  • Affichez nos commentaires SVP!

  • Abahutu hinyumvira umwe abandi bakemera, urabona ingene abantu bashigikira Gelase na kagwi kiwe gafukamye igihu munda.

    Mbega mwabahutu aho mwogiye hamwe, muzopfa muryana gushika ryari? hari abariko batuka abasinye urwo rwandiko.Ejo muzoba muriko murabaha amashi. Abomurikomuha amashi uno musi ejo nibo muzoba muriko mutuka.
    Radjabu mwaramuha amashi , ejo mwaramutuka , ubu naho?
    Mwibagira naningoga, iyo muva, umuhutu iyo ahaze nuko!

    Ntanyungu nabo murikumwe mukomere kumuheto, ejo nyabenda niwe azosinya, nabandi bakurikire. CNDD FDD si akagwi ko kwiba no kwica.

    Abo bagomba mandat ya 3 Ndabagaye!. Hanyuma Ntanyungu uri umugabo abakwanka bakwandureko! abakwanka niyamihimbiri yimbura ivyo itarimye, itinya ko pita avaho kuko batazosubira kwiba, niyamihimbira itigeze ica mwishure , mumutwe yabo ntakiriyo atari kwica no kwiba.
    Iyo mihimbiri niyo dukwiye kurwanya tukayigisha kubaho nkabantu.

  • REKA IMANA YIKORERE.IVYO GUTYOZANYA NO KUVUGA NABI MUBIREKE.NINDE AKORERA SATANI/SHETANI?KUBERIKI MUCUMURA KU MUNWA?REKA NYENICUBAHIRO PETERO NKURUNZIZA YITOZE HANYUMA ABENEGIHUGU NIBABONA KO ATABIKWIYE BAHEZE BAREKE KUMUTORA,HAMA IGIHUGU KIRONKE AMAHORO.NONE KO MWUMVA ABARUNDI BOSE BATAMUKENEYE,ABO BATUMUNWA BABIKURA KUKI?YEMWE ABANTU TURAGOYE PE!MURAKOZE.IMANA IBAZIGAME.

  • nimugaruke kuhoraho tuzimbere yimana dusabikigogwe nayo itugarureko imbabazi nkabinenewe ,guterana amajambo tubireke.

  • Nimureke kwama mwisunga ijambo "Democratie" mu Gihungu kigizwe n’ibice 92% vy’abarundi bitize amashure yisumbuye z’igice c’akabiri c’amashure yisumbuye.Ariko kwitwaza ubwishi bimariye iki Abarundi bariko bicwa n’inzara? Nimumarane sibibi.Abanyarwanda bazoza kuhaba.

  • Ndashimiye Cane Banyakubahwa Batandukanye Bo Mumugambwe C NDD FDD Kwako Kamo Bateye Umukuru Wigihugu Cacu Ndasavye Ko Yokwubahiriza Ntarenge Kumasezerano Y,arusha Kugira Ngo Igihugu Ntigisubire Kurwa Mukaga Ndashima Cane Kubona Harabarundi Bagifise Agatima Ko Gukunda Uburundi Naho Badafise Aho Bavugira Ivyiyumviro Vyabo Nibihangane Ntamvura Idahita Intahe Izofata Ijambo. Ndasavye Ko Murikigihe Kigoye Ca Matora Uburundi Turimwo Ko Mwokwitunganya Neza Kugira Amaraso Ntasubire Guseseka .

  • muraho,kotuzi ko amasezerano y’iharusha ariyo yazanye amahoro none mukaba mugiye kuyahindura ahaaa!! imana yonyene niyo izaturinda .

  • IGIHUNGU NTIGIPFAKARA KANDI ABAGABO BUKURI BAMYEHO PETER NAWE MUKIRUNDI BACA UMUGANI BATI:BARENDEGERE •••NZE NYINA BIRAGUSHA NABAWE NAKARE WAVUZE KO INTAMBARA IHERA IWAWE IGAHERERA AHONYENE IWAWE !MURAKOZE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.