Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Fideli Nsengumukiza yahagaritswe n’urwego rw’igendereza - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > Fideli Nsengumukiza yahagaritswe n’urwego rw’igendereza

Fideli Nsengumukiza yahagaritswe n’urwego rw’igendereza

mardi 14 Rusama 2013

Fideli Nsengumukiza asanzwe ari mu barongoye umuhari w’imbonerakure z’umugambwe CNDD-FDD, akaba kandi umunyamabanga mukuru w’’ishirahamwe ry’abunguruza abantu ku mapikipiki, yavugiye kw’iradiyo ijwi ry’abanyagihugu RPA mu kiganiro uterera iki cariko kiba ku munsi w’Imana mu gatondo ko muri politike batica ahubwo bakura inzitizi.

Fideli Nsengumukiza

Ahejeje gusigura iryo jambo ryiwe, umwe mu bakorera urwego rw’iperereza ry’Uburundi ariwe Manweli Nsabimana yaciye amuhagarika igihe c’isaha zitatu n’iminota 20 zo mu gatondo, aca atwarwa n’umuduga ukora muri ico gisata ku bazwa ku majambo agumura abanyagihugu yari ahejeje gushikiriza.

Ku bwa Fideli Nsengumukiza rero asanzwe ari mu bayobozi b’umuhari w’Imbonerakure zihurikiye mu mugambwe CNDD-FDD, amenyesha ko urwaruka ruhurikiye muri uyo mugambwe bagiye kugira urunani mu ntumbero yo kwiyamiriza amasezerano ya Arusha, avuga ko hari bamwe akumira na cane cane abo mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

Ivyo rero Fideli Nsengumuiza akaba yabivugiye ku murongo wa terefone mu gihe yariko aterera kuvyari bihejeje gushikirizwa na Ferederiko Bamvuginyumvira yigeze kuba icegera c’Umukuru w’Igihugu aho yari umutumire kw’iradiyo RPA.

Nsengumukiza amenyesha ko kubona amasezerano ya Arusha umugambwe uri ku butegetsi utayitavye arico gituma Imbonerakure zitayemera, akavuga ko bagiye nyabuna kuzoja hamwe mu ntumbero yo gukingiranira ku buryo ata mbonerakure n’imwe izorengutswa muri za sentare mpuzamakungu.

Abari mu mashirahamwe ataho yegamiye mu vya politike hamwe n’abamwe mu barongoye imigambwe barateye ivyatsi iyo mvugo y’uwo musore w’imbonerakure Fideli Nsengumukiza.

Ku bwa Onesime Nduwimana asanzwe ari umuvugizi w’umugambwe CNDD-FDD, amenyesha ko ivyavuzwe na Fideli Nsengumukiza biri ku gatwe kiwe ko atari ivyo yatumwe n’umugambwe, ko ivyo yavuze yobibabazwa we nyene, bitobazwa umugambwe.

Onesime Nduwimana asanzwe ari umuvugizi w’umugambwe CNDD-FDD

Amenyesha ko umugambwe CNDD-FDD wemera amasezerano ya Arusha kuko ari amasezerano yatumye hagaruka umwizero mu gihugu c’Uburundi, na cane cane ko ayo masezerano ariyo atanga inkomoko ry’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi, naryo rikaba ryarashigikiwe cane n’umugambwe CNDD-FDD igihe ryatorwa.

Mw’ishirahamwe Forsc naho bamenyesha ko imvugo ya Nsabumukiza ataho itandukaniye n’imvugo z’abanyamacakubiri mu gihe yavuga ko intambamyi ari abantu bamwe bamwe.

Ku bwa Vitari Nshimirimana asanzwe arongoye urunani rw’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike Forsc, imvugo ya Fideli Nsengumukiza n’imvugo uyihweje, igira umunani mu ntambwe z’igize ivanguramoko, canke kutubahiriza agateka ka muntu. Avuga ko ubutumwa urya musore w’imbonera yatanze ari ubutumwa bubi cane mu gihe buguye mu matwi y’ umuntu yahahamutse.

Vitari Nshimirimana asanzwe arongoye urunani mpuzamasendika Forsc

Kw’ijambo Nsengumukiza yavuze ko muri politike batica ariko bakuraho intambamyi, muri Forsc bamenyesha ko baravye uko urwaruka rw’ imbonerakure rwigengenza hanyuma hagaca havurwa ijambo nkarirya, usanga umenga ni nk’ukubaha inguvu mu bikorwa bigayitse bama bagirijwe n’abanyagihugu, bagaca bakuraho nya nzitizi bibaza ko ataho bazokurikiranirwa.

Muri Forsc rero basaba ko uwavuze rirya Jambo yohanwa bimwe vy’akarorero kuko ari ijambo rikangurira urwaruka ruri mu mugambwe CNDD-FDD guhonyanga agateka ka zina muntu. Basaba Umukuru w’Igihugu guhaguruka agatanga ijambo ry’ihumure kugira abibaza ko bazototeza abantu bakagira urunani rwo kudakurikiranwa bomenya ko bitebe bitebuke bazohanwa.

Vitari Nshimirimana arangiza ahanura urwaruka rw’Imbonerakure ko rwokubitiza amaso inyuma, rukaraba amabi urwaruka rwo mu gihugu c’Urwanda Interahamwe rwakoze mu gihe c’intambara y’ihonyabwoko ryagiriwe Abatutsi bo muri ico gihugu, ndetse akibutsa ko abakoze arya marorerwa ubu barengutswa imbere y’amasentare yo mu gihugu ndetse na mpuzamakungu kugira bishure ivyo bakoreye ababanyi babo.

Foto: J.P Aime Harerimana


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.