Accueil > Inkino > FOOTBALL > FIFA: Argentine mu kibanza ca mbere,Ubufaransa butakaza ibibanza (...)
FIFA: Argentine mu kibanza ca mbere,Ubufaransa butakaza ibibanza 13
jeudi 9 Mukakaro 2015
Ku rutonde rw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA,umurwi nserukira gihugu mu mupira w’amaguru w’igihugu ca Argentine waje mu kibanza ca mbere kw’isi n’amanota 1473.
Ico kibanza cahoramwo umurwi nserukira gihugu w’Ubudagi,waje mu kibanza ca kabiri n’amanota 1411.
Umurwi watanganje abantu benshi,ni umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa watakaje ibibanza 13 vyose,uca uronka amanota 882,uza inyuma y’umurwi wa Algerie na Cote d’Ivoire yo ku mugabane wa Afrika.
Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi uza mu kibanza 131 kw’isi,wungutse ibibanza bitatu ku rutonde rwaheruka gusohoka mu kwezi guheze.
IGIHE
Messages
9 Mukakaro 2015, 22:16, par oeil pour oeil
Naho se u Rwanda!11
12 Mukakaro 2015, 07:17, par Manirakiza Leonard
Birahimbaye Kandi Biraryoshe Kumva Argantine Ariyambe Ntibitangaje.
12 Mukakaro 2015, 12:03, par FULGENCE
SHA UMURWI NSERUKIRAGIHUGU WA ARGENTINE NIWIRAMBIRE
12 Mukakaro 2015, 20:43, par ROGER
BAZONGURIRE.UMUPIRA.NDAWUFITE
12 Mukakaro 2015, 22:07, par Ezechiel Lavezzi
umurwi wa Argentine ntamupira uzi gutsindwa na Chili
19 Mukakaro 2015, 09:21, par bacimanza ernest
kweli ugo rutonde sigwo,umurwi wa argentine nimba kwabaye ukuwushimira inyuma w,ugutsindwa final zibiri zose,c’est une consolation!!!
4 Myandagaro 2015, 22:04, par NIYIREMA KORONERIYO
NDAKEJE INTAMBA MURUGAMBA ZASHITSE MURI ICOKIBANZA VYASHIMISHIJE CANE ABARUNDI TUWURI INYUMA