IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Filipo Nzobonariba: ’’Abasirikare bakoresheje ubukerebutsi,ubunyarutsi (...)

Filipo Nzobonariba: ’’Abasirikare bakoresheje ubukerebutsi,ubunyarutsi n’ubuhinga’’

mercredi 16 Kigarama 2015

Reta y’Uburundi imenyesha ko ishigikiye igikorwa cakozwe n’abasirikare mu kurwanya umurwi witwaje ibirwanisho wateye ku makambi atatu y’abasirikare mu gisagara ca Bujumbura.

Mw’itangazo rya Reta y’Uburundi,umuvugizi wa Reta Filipo Nzobonariba yavuze ko abasirikare berekanye ubuhinga bukomeye mu kurwanya abari bagize imirwi yitwaje ibirwanisho yateye.

Filipo Nzobonariba yavuze ko abasoda bakoresheje ubukerebutsi,ubunyarutsi n’ubuhinga mu kurwanya abateye amakambi y’igisirikare.

Muri iryo tangazo Reta y’uburundi yiyamirije iciyumviro ciyumviriwe n’inama y’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU,c’uko harungikwa abasirikare ba ONU boza gucunga umutekano

Naho biri ukwo, abajejwe umutekano bagumye bagirizwa gukora ubwicanyi babukorera abadashigikiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Abantu 87 nibo bishwe mu bitero vyabaye ku makambi y’abasirikare.


Van Naris Mugisha

Messages

  • uburndinigihu cigenga nugukubitimihimbiri basebuja bakabweja ntimugirubwoba imbonerakure turiho

  • mubisanzwe reta nimba ataco yiyagiriza yankirik kohoza inteko kuri buyoya igihug nticari cikukiye nibakure amanyanga

  • Weho nzobonarinya uvuga ukusa ntawogukubira.

  • KURWANYA UMWASI SIBIBI IGIKURU NUKUDAHOHOTERA ABANYAGIHUGU.

  • Narinsanzwe ndabemera abasirikare bu Burundi ariko ibintu bakoze bijanye mukurwanya umwansi mwiyimyaka ya 2014 na 2015 ntagihugu nakimwe kw’Isi kirabikora kirashobora kurwanya umwansi kubuhinga nubwitonzi nigihegito nkabasirikare bururundi. Rekandabibutse hamwe hamwe: muribuka mumwaka uheze Cibitoke hateye aba terrorist beshi bibihangange ariko abasirikare Buburundi barabarwanije barabatsinda mugihe kitarenze amasaha 48 amakungu ariko arashavuzwe nuko aba terrorist baneshejwe. Muruyumwaka turimwo aba terrorist barateye aribeshi bafise nibirwanisho karuhariwe ariko igisirikare cuburundi carabarwanije kirabanesha mumasaha 48 nahonyene amakungu yarababajwe nuko aba terrorist baneshejwe. Simvye nkavuga ibivyabaye mwukukwezi 12 uyumwanka 2015 aba terrorist barateye hoho baza batumbereye kumakambi yabasirikare hanyuma abasirikare barababivuna kugeza babanesheje mumasaha atarenga 48 ahohoho amakungu yarababaye cane kugezanaho yaciyacabako horungikwa Burundi umurwi wabasirikare wokuzofasha aba terrorist kugira nibatera bazobakingire kugira abasirikare bu Burundi ntibazosubire kubarwanya. Birababanje kubona igihugu civuna umwansi ahibindibihugu kugikeza kocivuye umwansi ahubwo bigasimba bigakorera kumakuru bahawe numugore yitwa Kiramvu Domitira nabobakorana! Ivyovyabonekeye aho ibihugubimwe vyaciye bihamagarira abanyagihugu bavyo ngobaveyo Burundi, ibindinavyo ngomu Burundi niharundikwe abasirikare mpuzamakungu mugihe nabasirikare biburundi badakwirwa mukwirukana aboba terrorists . ikibazo? Aboba terrorist batera u Burundi bapfaniki nibihugu bimwebimwe bikomeyekw’Isi kobikundagushavura iyobateye bagatsindwa nabasirikare bu Burundi?

  • KWIVUNA UMWANSI SIBIBI IGIKURU NUKUDAHOHOTERA ABATARI MWABO BANSI.

  • Nababa barakoze neza nisawa ko Leta ibishima!ariko.....Imana yamwijuru atariyo hejuru niyo MUKIZA ikaba MUTABAZI.

  • Komera ntwazagabo zuburundi muragabo bijunja ni jambo.hakugawa wobimva nibaze basubire babonye ko kititaha

  • Ndatangajwe ni mvugo yuwo muvugizi wa reta, yiyamiriza ingingo ya ON yafaswe yo kurungika abasoda mpuzamakungu baza gukingira abanya gihugu, kuvuguko nuko wewe agenda acungerewe nisinzi ryabasoda niho yivugira. abasoda mpuza makungu bari bakwiye kuza,kuko abanyagihugu babangamiwe niki porisi hamwe nabamwebamwe mukisirikare bataye umurongo batacibanga kiremwa muntu.nukuri agateka kazina muntu karabangamiwe muburundi.

  • eregsa nivyo igisirikare cacu nibitumwako

  • komeramutama twifatanije nareta yuburundi kwi ya mirza kurungikwa ingabo za onu ntazo dukeneye ivyozakoze mugwanda twarabibonye.turikwije.

  • NIMUKOMER ABARUNDI ISINZI TUBARINYUMA,TWIYAMIRIZA IZONTEKO,ZA ONU MBEZIZOZA GUKORIKI?ZATUMWEKO,NAND? TURABIYAMIRIJ TWIVUY,INYUMA NIBAJ,MURISOMARI AHARI INTAMBARA,IWACUHARATEKANY NDANGIJE,NSHIMIRA INZEGO ZUMUTEKANO UBWIRA NUBUKEREBUTSI ZIFISE. NIMUKOMERE,KUMUHETO.

  • Birababaje kubona umutama nkuwo ashigikira ubwicanyi ashima abasirikira n’abapolice ubwicanyi bakoze. Muramwibutsa ko nabakoze genocide mu Rwanda nubu barakurikiranwa. Bafite umugambi wo kumara abatutsi ariko ntabwo bazabigeraho.

  • Icombona nuko ivyobakoravyose,barekekwinyegeza inyumayibi canke biriya.nibavugshukuricobatumbereye.hamabishobotse babaronderere umuti ingorane zihere mugihugu cabenegihugu.

  • Icombona nuko ivyobakoravyose,barekekwinyegeza inyumayibi canke biriya.nibavugshukuricobatumbereye.hamabishobotse babaronderere umuti ingorane zihere mugihugu cabenegihugu.

  • Icombona nuko ivyobakoravyose,barekekwinyegeza inyumayibi canke biriya.nibavugshukuricobatumbereye.hamabishobotse babaronderere umuti ingorane zihere mugihugu cabenegihugu.

  • jeniweweuzokumvakobakoraneza.nibagusiga.anyamavuta

  • Ce génocidaire devra répondre tôt ou tard. Des militaires et policiers en collaboration avec les ex-FDLR et imbonerakure ont massacrés des jeunes citoyens qui savent rien de l’attaque.. Et ce déléguant porte-parole vomit ce qu’on lui dicte de dire.Malgré tout ils continuent les arrestations et les exécutions. My god.
    Le monde assiste impuissant

  • Ubukoko Abo Bantu Batera Igihugu Cabibarutse Ntanisoni Bagira?Izo Nyanka Burundi.Cokimwe Nabo Babashigikira?Sha Imana Niyo Cabona,bazoshira Nkifu Yimijira.Turongeye Gukeza Allah Wewe Yarwaniye Izo Kambi Zitatu,turakeje Kandi Nabajejwe Umutekano,tugasaba Kandi Kizigenza Wacu Kudatinya Izo Mbunuza,turi Tayari Natwe Kuzirwanya, Akire Kudutumako Gusa .

  • Erega Iyo Umuntu Yateguye Gukora Ibara Hama Ateshwa Aca Atangura Kuvuga Ayamuhe! Non Abobantu Bagomba Ingabo Turere Amaboko??Nubu Nibagaruke Ubuho Turenza Harya.

  • abobasirikare.Barekebazekudugarukiraturaheze .Abahunguboumengaimanayaratwibagiye

  • Izonteko nvamakungu naho zoza muburundi nibazeko tanzania na yo hazoba harimwo abayo ataruko tuzobiyamiriza nakare boba bazanwe nabasindumuja ariko bakihenda bagashigikira uruhande rumwe arigo rwabasindumuja ntakibuza abarundi tuzokwifatanya ningabo zumutima tubarwanye na shababu barakubitwa ndetse izo mbundege

  • @ NIHOREHO.PEE pole sa na FDRL idiri irabamfanye karibu mwisubirire mw ishamba

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.