Accueil > Amakuru > Poritike > Filipo Nzobonariba:’’CNDI si iyo gutanga ikigongwe ni iyo kwumviriza abarundi (...)
Filipo Nzobonariba:’’CNDI si iyo gutanga ikigongwe ni iyo kwumviriza abarundi bose.’’
dimanche 20 Kigarama 2015
Umunyamabanga mukuru wa Reta akaba n’umuvugizi wabo Filipo Nzobonariba amenyesha ko umurwi ujejwe gutegura ibiganiro hagati y’abarundi CNDI uzofashanya n’umuhuza.
Mu kiganiro abavugizi b’inzego za Reta bahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 18 Kigarama 2015,Filipo Nzobonariba yavuze ko umurwi CNDI uzokwumviriza abarundi bose harimwo ababa hanze n’abahunze.
Muri ico kiganiro umuvugizi wa Reta yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yatanze uburyo ku murwi CNDI buzotuma uwo murwi uja kubonana n’abarundi bari hanze,kandi bakazokorana n’umuhuza.
Ku bijanye n’urunani CNARED ,Filipo Nzobonariba yavuze ko CNARED ibishatse ishobora kuja mu biganiro,nayo ko hoba harimwo abaronderwa n’imitahe Filipo Nzobonariba yavuze ko abaronderwa bafitaniye ideni n’ubutungane atari Reta.
Filipo Nzobonariba avugira Reta yaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko umurwi CNDI atari uwo gutanga ikigongwe ariko ari uwo kwumviriza abarundi bose.
Van Naris Mugisha
Messages
20 Kigarama 2015, 15:33, par Kwihangana
Imana n’itabare Uburundi nayo uyo murwi ntamakiriro twobizerako.
Abawugize ubwabo bakeneye gutabarwa kuvuye ku Mana nk’abandi bose!
20 Kigarama 2015, 15:33, par Kwihangana
Imana n’itabare Uburundi nayo uyo murwi ntamakiriro twobizerako.
Abawugize ubwabo bakeneye gutabarwa kuvuye ku Mana nk’abandi bose!
20 Kigarama 2015, 17:04, par Nzobona
Nzobona ruba=uzobona usara ndaja kugira umugabo
20 Kigarama 2015, 18:26, par Mapinduzi
Kwihangana, iyo ngendo yawe n’iy’abandi Barundi batari bake yo kwamiza mu kanwe ngo Imana ni itabare , siyo na gato. Bibaburira gukoresha ubwenge, amaboko... Imana yabahaye mugashako ko ibabera mu kibanza. Iyo ni ingendo y’imburakimazi n’inderamaboko.
Imana yarabaye ibikwiye, yarabahaye umutima w’ubwenge, inguvu, ngo mwiyumvire ico cose cotuma abantu babana mu mahoro kandi babeho neza. Ni igitutwi kwama na ntaryo ngo Imana, Imana. Et votre reponsabilité muyishira hehe?
Aba DD n’abandi bigisha b’ibinyoma babigishije kuzera inze, kwasama ngo Imana izobikora; Imana ntisubirira umuntu. Imwunganira kuvyo aba ariko arakora vyiza.
Iyo théologie yawe si yo na gato. Urasubira kwiga.
20 Kigarama 2015, 18:26, par BUCUMI
Baraza Nyene Mbemwehokomwazanyimbonerakuryazanyumugisagara Mubakuyeruguru Nonezajegukoriki Ntitubibona Amabibakora Mutinyakobohavababibona Izonteko Tuzihayikaze Zatevye Turonkamahoro
20 Kigarama 2015, 19:56, par ANTHONY MWARABU
IVY’UBURUNDI BIRAGOYE AHUBWO DUKOMEZE GUSENGA
20 Kigarama 2015, 19:57, par ANTHONY MWARABU
IVY’UBURUNDI BIRAGOYE AHUBWO DUKOMEZE GUSENGA
20 Kigarama 2015, 21:12, par umuhire.s
njewe barantwenza vyarabananiye abantu bagiye guhera ngo n’umurwi nibareke ababishoboye babikore
21 Kigarama 2015, 00:18, par None?
Jewe mwinomisi harikintu kimaze kuntangaza! Umvanamwe nkumuntu ashigikira kwabantu botera amakambi yagisirikare canke ngobagende bice abanyagihugu ngohanyuma bacebagenda kwinyegeza mumihana/ mumazu yabanyagihugu ngononeho abajejwe umutekano nibazakubaraba mwayomazu ngobazoce bahangana noneho nguwuzopfa bizocavyitwako abajejwe umutekano basanze abenegihugu mumihana kubica, jewe rerro muribimwe bintangaza vyabantunkabo nuko iyobahashijwe nabajejwe umutekano bacabatanguranya kuvugango" Mana tabara abatundi turashize. Kurivyorero ncamvugango" nimba Imana ariyo yagutumye kujagutera amakambi yagisirikare, ikabariyo yagutumye kwica abenegihugu ntukwiye kugira ubwoba vyasebikunze izogutabara. Ariko niyaba utumwa na Kiranga/Satani, ntakibuza muzotabaza Imana ntizobumva kandi muramaze kuvyibonera kuko ntakwo mutagize ariko ntimuzimpamvu vyakomeje kubata kuwamazi ahubwo hakomeje kwibonekezako mugiye kubanka Hamani dusoma muri bibiliya kuko ivyoyibazako bizomukiza nivyovyamukwegeye urupfu.
21 Kigarama 2015, 06:41, par Ntezukobagira
Jewe ico mbona ONU nitudushirireho itegeko uburundi bugurishwe abarundi tugabure amahera umwe wese amenye iyo aja hama ndabe aho tuzongera kuryanira.
21 Kigarama 2015, 08:50, par VANA
Eka Izinaniryomuntu Uri Nzobonaruba Kweri Cungurayomazibaguha Avanzenamarasoyabeneburundi Tugiratuguhe Ayasengeye Warutwawe Gwimbuye
21 Kigarama 2015, 16:45, par MANIRAKIZA LAURENT
Ico abarundi twipfuza nukuronka amahoro,mugihe abanyepolitike bokwumvikana bagasenyera kumugozi umwe amaraso ya bene burundi ntasubire guseseka vyoba vyiza cane.
21 Kigarama 2015, 21:41, par Kirebeti.Kirebeti
Ndabaramukije.Jewendashigikiye.Intekoza.Ou.Zizemuburundi
22 Kigarama 2015, 06:03, par ngendakumana dieudonne
iki nigihe kabisa coguhamagara , kuko umuntu yihwejeje ibihugu bishigikiye. reta yuburundi inguvu bifise. nacane cane mubijanye nintambara.
umuntu. akongera akihweza kandi ibihugu bishigikiye abagwanya reta yuburundi yabujumbura.
biragaragarako muburundi. atagikozwe bicitwa vuba Bujumbura ishobora kuberamwo. imigwano ikomeye cone kuburyo bwuko iyomigwano. izoba ari iryambere ibaye muri. Africa.
kandi muzobonako ikibazo cuburundi Atari:
mandat yagatatu
peter nkurunziza
kandi Atari ivyihinyabwoko.
kuko. muzosanga abanyamahanga. nyene aribo bariko. batana mumitwe. bonyene. ubwabo.
jw. nkumurundi. akunda uburundi. ONU nirabe ico ikoze. vuba kandi ataho yegamiye. kuko ni umuvyeyi. wabose.
hanyuma kandi itege. amatwi. impande zose ataguhengama. kuko. nkaba basoda ishaka kurungika muburundi. reta.yuburundi iytavyemera ninkokwegenyeza. murakoze.
22 Kigarama 2015, 06:04, par ngendakumana dieudonne
iki nigihe kabisa coguhamagara , kuko umuntu yihwejeje ibihugu bishigikiye. reta yuburundi inguvu bifise. nacane cane mubijanye nintambara.
umuntu. akongera akihweza kandi ibihugu bishigikiye abagwanya reta yuburundi yabujumbura.
biragaragarako muburundi. atagikozwe bicitwa vuba Bujumbura ishobora kuberamwo. imigwano ikomeye cone kuburyo bwuko iyomigwano. izoba ari iryambere ibaye muri. Africa.
kandi muzobonako ikibazo cuburundi Atari:
mandat yagatatu
peter nkurunziza
kandi Atari ivyihinyabwoko.
kuko. muzosanga abanyamahanga. nyene aribo bariko. batana mumitwe. bonyene. ubwabo.
jw. nkumurundi. akunda uburundi. ONU nirabe ico ikoze. vuba kandi ataho yegamiye. kuko ni umuvyeyi. wabose.
hanyuma kandi itege. amatwi. impande zose ataguhengama. kuko. nkaba basoda ishaka kurungika muburundi. reta.yuburundi iytavyemera ninkokwegenyeza. murakoze.