Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Fiston Abdul Razak mu murwi wa Rayon Sport FC - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Fiston Abdul Razak mu murwi wa Rayon Sport FC

Fiston Abdul Razak mu murwi wa Rayon Sport FC

vendredi 5 Mukakaro 2013

Fiston Razak ni umukinyi uvuka mu gihugu c’Uburundi, akaba ari umusatirizi w’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi “Intamba mu rugamba” akaba kandi ubu yamaze gutera umukono ku masezerano y’imyaka ibiri yo gukinira umurwi wa Rayon Sports yo mu Rwanda aho yari aje ava mu murwi wa Diable Noire wo muri Congo Brazzaville.

Inyuma y’ayo masezerano yamenyesheje biciye ku rubuga ngurukana bumenyi ko yumva afise umunezero mwinshi kubona ahambije umurwi wa Rayon Sports, na cane cane ko asanzemwo bagenzi biwe ba hano mu gihugu c’Uburundi , aho yagize ati "Mfise ivyizigiro ko nzobandanya ntsinda ibitsindo vyinshi hama nkitwara neza kugirango uyu murwi wa Rayon Sports utere imbere”.

Umukuru w’umurwi wa Rayon Sports, Murenzi Abdallah yamenyesheje ko baronse umukinyi mwiza kandi azwiko afise ubuhinga bukomeye muri aka karere ka Afrika y’ubuseruko mbere no muri Afrika yose, ku buryo azofasha uyu murwi kugumana igikombe ca championat mbere no kuzitwara neza mu nkino za Afrika z’imirwi yabaye aya mbere iwabo.

Mu mwaka w’2012, Fiston yahora akinira umurwi Lydia Ludic wo mu gihugu c’Uburundi. Mu nkino za Afrika z’imirwi yatwaye ibikombe iwabo, yahejeje ari umusatirizi wa kane w’ihiganwa n’ibitsindo 4. Uwo mukinnyi Fiston yagaragaye ku rutonde rw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika (CAF) rw’abakinyi 32 b’abahinga bakina ku mugabane wa Afrika.

Mu mwaka w’2013, yaguzwe na Diable noir (Congo Brazzaville). Nk’uko amakuru ava mu murwi Diable Noir yabimenyesheje, amasezerano ntiyigeze yubahirizwa cane cane ku bijanye n’umushahara, maze agaruka i Burundi aho yarindiriye amezi atatu kugira abe umukinyi arindiriye umurwi uwariwo wose womurondera.

Ubu ico abantu bakomeje kuvuga n’uko babona ko uyu murwi wa Rayon Sports ugenda wongera igitigiri c’abakinyi b’abarundi, ariko ivyo bigatanga ivyizigiro ku barundi ko abakinnyi babo bakomeye kuko bagumya baronderwa n’imirwi ikomeye ya hano muri Afrika y’ubuseruko n’ahandi.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.