Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Fizzo abonako hari abamenyeshamakuru bariko batezwa imbere n’indirimbo (...)
Fizzo abonako hari abamenyeshamakuru bariko batezwa imbere n’indirimbo ziwe
mardi 18 Ruhuhuma 2014
Ururirimbo ry’umuririmvyi Big Fizzo yaririmvye yihaya ubugabo ntirwakiriwe neza na benshi haba mu baririmvyi n’insamirizi zimwe zimwe yavuzemwo, zimwe muri izo zivugako yifatiye mu gahanga zisa nizamufatiye ibihano.

Ururirimbo What’s my name umuririmvyi Mugani Desire yaririmvye ari kumwe na Queen Flows yiyaga ubugabo ruriko rwakirwa nabi n’abantu bumva amajambo yakoresheje. Fizzo muri irwo ruririmbo ntarya umunwa mukuvugako abamenyeshamakuru b’insamirizi ya ndondaguye bashaka kumenyekana «Kuba aba star» baciye ku ndirimbo ziwe.
Bamwe mu baririmvyi baranebagura amajambo yakoresheje muri urwo ruririmbo, babonako iyo yashaka kwivuga ubugabo yari kureka gutuka abandi akavuga ibiramuraba. Abo baririmvyi batashatse kwivuga izina bavugako yashitse kw’isimbo y’inuma canke yuriye igiti kiturirwa mu kuvuga abamenyeshamakuru kuko naho avugako ageze ntaba arahashika iyo ataba insamirizi n’imboneshakure zamufashije.

Zimwe mu nsamirizi zimaze kwumva ivyo yazivuzeko zaciye zifatira ingingo uwo muririmvyi. Akarorero ni insamirizi Rema Fm, inyuma yo kwumva indirimbo what’s my name, abarongozi bayo baciye basohora itegeko ryo gufuta indirimbo zose za Mugani Desire batazira Big Fizzo canke Farious. Haba ku mboneshakure canke ku nsamirizi ya Rema Fm nta ruririmbo narumwe ruzosubira kuvuzwa canke kwerekanwa.
Inyuma y’ivyo twararondeye Farious kugira agire ico avuze kuri ivyo bamuvugako ntitwashoboye kumuronka. Tubibutseko hari ho na bamwe mu baririmvyi bagenzi we basanzwe bataraba ryiza.
Aba na bandi bati mbega hamwe abaririmvyi batokwubahana n’abamenyeshamakuru vyohava bigenda gute?


Chérif Nkeshimana
Messages
19 Ruhuhuma 2014, 15:13, par d.d.k
kweli je numva ivyo yavuze bita shemeye sana ms bifite sensebecause hari ibintu usanga biri anger such as a jurnalist gusanga arimwo avuga ibigamo bidaha icubahiro uwo arimwo avuga.je nkunze kuvyumva ,bigatuma nibaza ko bafitaniye bif naba singers.
3 Nzero 2016, 09:23, par tombora
Fizz.Turamukunda.Twebwe.
3 Nzero 2016, 09:45, par Tombora
Abo,banka fizzo,ntiturikunabo,fizzognumahanzi,twemera,kuva,nakera,umuntu,yamaziru,twiwe nahobomwanka,sibose,bamwankÀ
9 Ruhuhuma 2017, 11:30, par Ferdinand
Oya Fizzo Irya Ndirimbo Yaratumy Ncandamwanka Ub Nikundira Lolilo