Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Fizzo aridogera iminota ahabwa muri Primusic
Fizzo aridogera iminota ahabwa muri Primusic
lundi 2 Nyakanga 2013
Umuririmvyi Big Fizzo umwaka wahera yari mubaririmvyi bitavye ibiteramo vy’ihiganwa rya Primusic , n’uyu mwaka uyu muririmvyi yarahamagawe, mu giteramo co kuri uyu munsi w’Imana urangiye. Imbere y’abari bitavye ico giteramo yaragaragaje ukuntu atanezerezwa n’iminota mikeyi ahabwa yo kuririmba.

Fizzo yabaye agishika kuri imbere y’abitavye igiteramo ca Primusic, ahejeje kuririmbira indirimbo ya mbere aca atangura kumenyesha ko atanezerezwa n’iminota mikeya ahabwa iyo agira ngo aririmbe. Ivyo bikaba vyaturutse kuko abarongozi bari bamubwiye ko asigaranye iminota itanu yo kuririmba.
Fizzo ati si ubwa mbere bishika kuko hafi mu biteramo vyose vy’iri higanwa bikunze kumubako kandi akabarira ababijejwe ko bakwiye kuza baramuha umwanya ukwiye mbere kuko iminota iharurwa ku ntoki bamuha ntibimunezereza.

Bachir Dia, umwe mu batunganya Primusic, avugako ubundi ku rutonde rwari rutegekanijwe, Big Fizzo yari kuririmba kabiri, mu ntango y’igiteramo iki giteramo ari naho yarafise umwanya munini. Ariko imvura nyinshi yaraguye ica ihindura ingene urutonde rwuko ibintu vyari biteguwe, baca bamuha umwanya muto kuko ari bwari bumaze kwira kandi igiteramo categerezwa guhera ku mvo z’umutekano w’abanyagihugu.
Uburongozi bwa Primusic bwemerako uyu muririmvyi bumutahura ariko ngo ntiyarakwiye kubivuga imbere y’abaraho bose nubwo nawe yisigura avugako yabitewe nuko atari ubwa mbere bimishikiye. Abo batunganya Primusic bakaba bavuga ko bugiye kubikosora mu biteramo bisigaye.
SENGUREBE Joel