Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Fizzo ntiyafashwe neza mu giteramo co mu Kanyosha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Fariouz > inkuru > Fizzo ntiyafashwe neza mu giteramo co mu Kanyosha

Fizzo ntiyafashwe neza mu giteramo co mu Kanyosha

mardi 9 Nyakanga 2014

Igiteramo categerezwa kuremeshwa na Fariouz nticabaye uko yari aciteze. Wewe nta kosa yagize kuko amasaha yategerezwa kuba yashikiye ahabera igiteramo ntiyarengeje. Ariko yaratangajwe n’ivyamushikiye uwo munsi.

Ku rutonde rw’abaririmvyi b’igiteramo citiriwe ururirimbo "What’s my name Concert" cabereye kw’Itaba kwa Vyisi, Fizzo niwe yari hejuru. Uwo nawe yaritavye igiteramo atanacerewe, nko kuva igihe c’isaha cumi n’imwe uwo muririmvyi niho yari. Amakuru dukura mu bari aho, avuga ko bugingo hageze ko aririmba, Fizzo yasavye amahera yiwe. Yoba yagize amakenga ko yabona ata bantu benshi bahari. Umuririmvyi Jockas ari nawe yamutumyeko, yategerezwa kuyamuha, ntawamenye iyo yaciye. Baramubuze irengero, Fizzo ntiyabaye agihembwa.

Mbega bibaye uko Fizzo yavyifashemwo gute?

Fizzo yaramaze umwanya utari muto abakunzi biwe bamubona mu kibanza c’iteka kandi bari bazi ko aririmba. Abakunzi biwe ntibamenye ivyamushikiye. Nk’uko abivuga kenshi ko abakunzi biwe aribo bakoresha biwe, Fizzo yahisemwo kuririmba naho ata mahera yari bwaronswe. Ivyo yabigize ku cubahiro yama avuga ko aha abakunzi biwe. Turiko turondera Jockas kugira tumenye igituma yatwaye amahera yo guhemba Fizzo.

Umviriza agace gatoyi k’ururirimbo "Wezere" rwa Fizzo na Sat B


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.