Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Flambeau de l’Est wakubitswe intahe mu gahanga na FFB ku caha co gutanga (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Flambeau de l’Est wakubitswe intahe mu gahanga na FFB ku caha co gutanga (...)

Flambeau de l’Est wakubitswe intahe mu gahanga na FFB ku caha co gutanga ruswa

mercredi 20 Myandagaro 2014

Inyuma y’amatohoza yariko akorwa kw’itangwa ry’igiturire n’umurwi wa Flambeau de l’est, umurwi wagize amatohoza wemeje icaha cagirijwe uwo murwi. Ibihano bitari bike vyaciye bifatirwa uwo murwi harimwo gutakaza ikibanza ca mbere wari ufise mu nkino za Primus Ligue, eka na bamwe mu bakinyi bafatiwe ibihano.

Umurwi wa Flambeau de l’Est wo mu ntara ya Ruyigi waraye ufatiwe ibihano n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB). Flambeau de l’Est watangishijwe ihadabu ry’amafaranga angana umuriyoni w’amarundi (1.000.000), ukaba kandi watswe amanota 6 kuri 62 wari ufise mw’ihiganwa rya Primus League uca utakaza ikibanza ca mbere, usubirirwa na Lydia Ludic Academique wari ufise ikibanza ca kabiri. Ibindi bihano vyahawe abakinyi Moussa Omar yahagaritswe gukina umwaka wose, uwo yahora muri Flambeau de l’Est, ageze muri Muzinga. NDUWIMANA Saidi akina mu murwi wa Inter Star yahanishijwe kutazokina igice ca mbere c’ihiganwa. NKURIKIYE Leopold (Kaya) yabujijwe kuzokina inkino 3 mu gice c’ibanze c’ihiganwa.

Tubibutse ko umurwi wa Flambeau de l’Est ufatiwe ivyo bihano kubera wagiriwe n’icaha co gutanga ruswa kuri bamwe mu bakinyi b’imirwi ya Interstar na Messager Ngozi bigatuma iyo mirwi itsindwa ibitsindo vyinshi na Flambeau de l’Est. Kuva ico gihe, ishirahamwe FFB ryaciye ritanguza amatohoza ari naho havuye ivyo bihano twababwiye.

Ikindi twobibutsa n’uko uwo murwi wategerezwa kuja guserukira Uburundi mu nkino za CECAFA KAGAME cup 2014 ugaca wanka kujayo kubera woba uriko urambikwa ibara ry’igiturire. Ico gihe, Reverien Ndikuriyo arongoye FFB yavuze ko atawagirije Flambeau de l’Est igiturire ko barindiriye ibizova mu matohoza. None Flambeau de l’Est wahavuye wagirwa n’icaha,ukubitwa inkoni mu gahanga.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.