Accueil > Kwidagadura > Umuhinyanyuzi > Fleury Pro akora amasanamu agiye gukorana n’ibihangange vy’abaririmvyi
Fleury Pro akora amasanamu agiye gukorana n’ibihangange vy’abaririmvyi
lundi 3 Ntwarante 2014
Umuhinyanyuzi w’amasanamu, Fleury Pro ariko yihuta guheza amasanamu y’urukwirikirane rw’indirimbo z’umuririmvyikazi w’Umurundi aba mu gihugu ca Australiya. Inyuma y’uwo afise urutonde runini rw’ibihangange vy’abaririmvyi bipfuza gukorana nawe.
Fleury Pro (producteur) yitwa Ndayirukiye Fleury amaze iminsi ariko akora amasanamu y’urukwirikirane rw’indirimbo z’umuririmvyikazi w’umurundi aba mu gihugu ca Australiya. Yitwa Florence Uwamahoro batazira Ngarama. Mu rukwirikirane yise "One more Time" rugizwe n’indirimbo 8, zimwe muri zo ziramaze gusohoka. Ivyo bimenyeshwa n’umuhinyanyuzi Fleury. Avugako indirimbo ya First Lady yamaze kuja ahabona.
Fleury Pro aramutswa inzu High Video iri mu Nyakabiga y’agatatu inomero 10 ikora amasanamu, ariyemerera ko umwuga wo guhinyanyura amasanamu abikora mu buhinga yize mu gihugu c’Urwanda no mu kigo c’Abafaransa kiri mu Burundi. Ubu rero amaze umwaka urenga akorana n’abaririmvyi nka Mkombozi, Adjobalove, Jean Paul Ndatsikira wo mu Rwanda na David Nduwimana aririmba indirimbo mpimbazamana, azwi mu ruririmbo "Naratoranijwe", hamwe n’umuririmvyi Goodman wo mu gihugu ca Nigeriya. Eka n’abandi benshi, avuga ko bashima ubuhinyanyuzi bwiwe. Inyuma ya Florence, Fleury afise urutonde rw’abaririmvyi bakomeye "super star" nka Mkombozi mu ruririmbo rwiwe " Ndi Umurundi", Franck G80, Ellyz Boy n’abandi.
Turiko turayaga, twaramubajije ingorane ahura nazo mu kazi, uwo muhinyanyuzi yivugira ati :"Ntangorane zihambaye ngirana n’abaririmvyi dukorana, kiretseko bamwe muri bo batubahiriza amasaha tuba twavuganye iyo tugiye gukora amasanamu, uwuntwaye umwanya ntaco aba ansigiye kuko isi y’ubu igenda inyaruka igusize akanya gato ntivyoroha gusubira kuronka akandi.".
Mukurangiza yatubwiye ko ariko ategura ireresi "Film" hamwe na mugenzi we bakora akazi kamwe azwi kw’izina rya Chérif Pro.
Umviriza wongere urabe ururirimbo The First Lady rwa Florence Uwimana
Chérif Nkeshimana