Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > Flora Qoquerel niwe yaraye agenywe kuba Miss France 2014
Flora Qoquerel niwe yaraye agenywe kuba Miss France 2014
lundi 9 Kigarama 2013
«Umukobwa» w’umufaransa wa mbere mwiza “Miss France 2014” yaraye atowe guserukira igihugu c’Ubufaransa mu mwaka w’ 2014. Amatora yari arindiwe biboneka n’abatari bake kugira bamenye uwashimwe kurusha abandi.
Kubw’abari muri ayo matora yabaye kuri uyu wa gatandutu wa 7 Kigarama, bavuga ko igikorwa co gutora umukobwa mwiza kurusha abandi kitari coroshe kuko abakobwa bose baraho berekanye ubwiza bwabo bidasanzwe.
Mu kwerekana ubwiza bwabo, abo bakobwa bamaze amasaha arenga atatu batambuka imbere y’abarorerezi bambaye uduhuzu tw’ubwoko butandukanye twerekana imibiri yabo uko imeze n’ingene batambuka.
Ku bakobwa muri 33 bari bitojeje kuja mu matora bari hagati y’imyaka 18 na 24, bakagira n’imetero ziri hagati ya 1, 70 na 1, 82. Uwitwa Flora Coquerel, niwe yatowe nk’umukobwa wa mbere mwiza mu gihugu c’ubufaransa. Flora Qoquerel akaba ava muri komine Orleas, akagira imyaka 19 y’amavuko hamwe n’imetero 1,82 z’uburebure. Aho mukamenya ari abakobwa bagera kuri 21 bari bashitse mu gice ca nyuma co gutorwa kuba mu bakobwa beza.
Uwitwa Garou yari arongoye umurwi warujejwe gutora umukobwa mwiza muri iryo higanwa akaba ariwe yabitangaje imbere y’abarorerezi bagera ku miriyoni 9 600. N’uwurongoye ishirahamwe ryateguye ihiganwa ryo gutora umwigeme mwiza, Sylvie Tellier, yamenyesheje ko Flora yatowe abikwiriye kuko yari agaze ku bice 27,87 vy’amajwi atorwa. Flora Qoquerel, akaba aje gusubirira Mariane Lorphelin yari yatowe nk’umukobwa mwiza mu mwaka w’i 2013.
Akimara kwambikwa igitsibo ku mutwe cerekena ko ariwe atowe kuba Miss France 2014, Flora Qoquerel ava muri komine Orléan, mu gihugu c’Ubufaransa yabwiye ibimenyeshamakuru ko ari akanyamuneza kuriwe kuba atowe guserukira igihugu c’Ubufaransa mu bakobwa beza. Akavuga kandi ko bimwe mu migambi afitiye igihugu ciwe, ari ukurwanya ubujuju mu banyagihugu hamwe no kwijukira iterambere rirama ku bakenyezi.
Na bamwe mu barorerezi bari aho, bakaba baragaragaje umunezero wabo kw’itorwa rya Miss Flora Qoquerel, bakavuga ko ari umukobwa mwiza kandi ko n’iryo torwa ritagiyemwo ubusuma n’aho hibonekeje ubunenge bumwe bumwe.
Mwomenya ko Flora Coquerel yaraye atowe kuba Miss France 2014, asanzwe ari umunyeshure muri kaminuza mu mwaka wa kabiri, mu gisata kijanye n’ubudandaji mpuzamakungu. Akaba afise indoto yo kuzokora ibijanye no kumenyekanisha ibiharawe mu nyambaro, agakunda kutamba n’umukino wa Badmiton, amareresi, kwambara ibigezweho ndetse no kumenya ibijanye n’utuntu n’utundi.
Mariella Bukuru
Messages
2 Rusama 2016, 13:32, par Niyongobo Eric
Uwo mukobwa Ngobo Kotwokwibanira Ntamubonye Ndosara
20 Myandagaro 2017, 11:32, par NDAYIZEYE
NANJE NDAMUSHIMYE NIMWIZA NUMVANDMUKUNZE