IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umumenyeshamakuru Floribert Nikwibitanga yoba apfubgiwe mw’igendereza i (...)

Umumenyeshamakuru Floribert Nikwibitanga yoba apfubgiwe mw’igendereza i Bujumbura

mardi 30 Ruheshi 2015

Floribert Nikwibitanga umumenyeshamakuru w’imboneshakure y’igihugu RTNB yoba apfungiwe mu biro vy’igendereza i Bujumbura, nk’uko aya makuru tuyahabwa n’abo bakorana.

Floribert Nikwibitanga yafashwe kuri uyu wa 28 Ruheshi ku muhingamo, mu gihe yari agiye kuraba umuryango wiwe wahungiye mu gihugu c’Urwanda, aca afatwa n’abakorera urwego rw’igendereza ry’Uburundi mu ntara ya Kayanza. Ku va ico gihe, akaba yagumye apfungiwe mw’igendereza, aho amakuru dukesha bamwe mu bakozi b’iradiyo nkuru y’igihugu avuga ko ubu ageze mw’igendereza aha mu gisagara ca Bujumbura, aho kugeza ubu batazi uko amerewe.

Amwe mu makuru twagiye turaronka, ni uko, umuyobozi w’iradiyo n’imboneshakure yoba yasabwe na bamwe mu bakozi ba RTNB ko yokurikirana ivyo vy’ihagarikwa rya mugenzi wabo, ariko kugeza ubu tukaba tutaramenya, namba Jerome Nzokirantevye umuyobozi mu kuru wa RTNB yoba yatanguye gukurikirana ivy’ico kibazo c’ipfungwa ry’uwo mumenyeshamakuru.

Inkuru tubandanya dutohoza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.