Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FLY DUBAI : Ingendo za Bujumbura - Dubai zatanguye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > FLY DUBAI : Ingendo za Bujumbura - Dubai zatanguye

FLY DUBAI : Ingendo za Bujumbura - Dubai zatanguye

mercredi 1er Gitugutu 2014

Ishirahamwe ry’ukwunguruza abantu n’indege FLYDUBAI ryatanguye gukorera ku mugaragaro mu Burundi kuva kuri uwu wa kabiri. Abarwizatunga n’abandi bose bavyipfuza bazoshobora kwiyunguruza bava i Bujumbura baje Dubai ata handi barinze guca (Vol direct).

Umuyobozi w’ubudandaji muri FLYDUBAI asigura ko bahisemwo igihugu c’Uburundi kubera kiri mu bihugu bitari bifise ishirahamwe ryunguruza abantu bashobora kuva i Bujumbura baja i Dubai ato barinze guca (vol direct), ivyo navyo bikaba bizofasha abarwizatunga n’abandi banyamitahe. Iyo ndege izohora igira ingendo zibiri ku ndwi, kuwa kabiri no kuwa gatanu, ku mafaranga y’amadorare amajana atatu na mirongo icenda n’icenda (399 $) kugenda n’ukugaruka (Aller - Retour). Umuyobozi w’ubudandaji muri FLYDUBAI amenyesha ko mu mezi akurikira izo ngendo zizokwongerezwa bivanye n’ukwiyongera kw’abazoba bakeneye kwiyunguruza na FLYDUBAI.

Kubwa CIZA Virginie, umushikiranganji ajejwe kwunguruza abantu n’ibintu, iryo shirahamwe FLYDUBAI ryavuye mu mwumvikano hagati y’Uburundi na Emirat Arabes Unis, akaba ari akarusho ku biyunguruza, kuko bazoshobora gushika Dubai batarinze guca hirya no hino. Ku bijanye n’akunguko k’ubutunzi Uburundi buzokura kuri iryo shirahamwe ry’ukwunguruza abantu n’ibintu, umushikiranganji CIZA Virginie avuga amafaranga y’agaciro azokwinjizwa mu gihugu azanwe n’ingenzi, hamwe n’amatagisi iryo shirahamwe rizotanga mu kigega c’Uburundi.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.