Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FNL : Amakarata yose yashizweko umukono na Rwasa agiye guturirwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Poritike > Imigambwe > FNL : Amakarata yose yashizweko umukono na Rwasa agiye guturirwa

FNL : Amakarata yose yashizweko umukono na Rwasa agiye guturirwa

mercredi 4 Nyakanga 2013

Mu mugambwe FNL wemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, bavuga ko bababazwa n’amajambo avurwa na Agathon Rwasa mu gihugu, ndetse amajambo bo bemeza ko ari ayo gusubiza igihugu mu ntambara.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, umuvugizi w’umugambwe FNL urongowe na Miburo Emmanuel avuga ko kugira biyamirize Rwasa, ndetse bamuce burundu mu mugambwe wabo, bagiye guturira n’amakarata y’uwo yahora abarongoye yari yarashizeko umukono akiramutswa FNL, hagatangwa ayandi makarata muri uku kwezi kuza, maze ayo mashasha akazojako izina ry’uwurongoye uwo mugambwe ubu, ndetse ari nawe yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yohagati mu gihugu.

Abanamarimwe bari mu nama kwa Miburo

Muri ico kiganiro n’abamenyeshamakuru, umunyamabanga mukuru w’umugambwe akaba yavuze kandi ko abanamarimwe ba FNL agashavu ari kose, mu gihe bashavuzwa n’uko Rwasa abita imbonerakure za CNDD-FDD. Abo banamarimwe bakaba bamaze umwanya munini bariko baravyina inndirimbo zo guhayagiza umukuru w’umugambwe Emmanuel Miburo n’umunyamabanga w’uyo mugambwe Bigirimana Yakobo, ndetse babateruriye hejuru, mu gihe bumvise izina rya Rwasa Agathon baca bakoma akaruru, bavuga ko batamukeneye, ndetse badashaka n’ugusubira kumwumva.

Abanamarimwe bari kwakira Rwasa umunsi kw'Iraro

Ku kibazo c’ukwo vyabonetse ko Rwasa yategerewe n’abayoboke b’uyo mugambwe benshi ndetse bamwe bakaba bariko baragirwako iterabwoba, umuvugizi wa FNL avuga ko abaroyeyo batabazi, ko ariko n’uwoba agishigikiye Rwasa, maze akigenza nkawe, akamenyekana, azokurwa mu mugambwe. Bigirimana akaba yaheraheje asigura ko abavuga yuko abarongoye FNL ya Miburo yoba itinya ikoraniro kaminuza kugira bashire abanamarimwe hamwe, bafise izindi ntumbero zabo.

Abari muhira kwa Rwasa ba banamarimwe

Aristide Nizigire

Messages

  • hari ibitwezwa cane mu Burundi .Emmanuel uno musi yiyitirirwa umugambwe FNL ntibomureka akaba aririra ihera .hama abanyagihugu bakazokenyura umukenyura canke se bakazokina ikarata nkiyo bagiriye Buyoya .

    Leta nayo nitange umuco rwasa bamureke none uno musi hari umuntu ataziko ibibibazo biriko biraba ko biterwa nu mugambwe uri kubutegetsi abarundi ni batureke turabona ibiriko biraba kandi abenshi barabona aho bozotora igihe kigeze

  • JEWE ICONIYUMVIRA NTIBOCA BAMUHAGARIKA BATAMUBAJIJE IGITUMA ABIKORUKWO BOMUTUMAKO MUNAMA AKABABWIRA IJAMBA NYAMUKURU ABAKENEYEJEWE ICONIYUMVIRA NTIBOCA BAMUHAGARIKA BATAMUBAJIJE IGITUMA ABIKORUKWO BOMUTUMAKO MUNAMA AKABABWIRA IJAMBA NYAMUKURU ABAKENEYEKO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.