IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > FNL isaba umukuru w’igihugu gushikiriza burundu ko atazotanga ikibanza (...)

FNL isaba umukuru w’igihugu gushikiriza burundu ko atazotanga ikibanza cahahoze isoko nkuru

mercredi 11 Ntwarante 2015, par IGIHE

Mu mugambwe FNL urongowe na Yakobo Bigirimana barashima ingingo yaraye ifashwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi yo guhagarika umugambi wo gutanga ikibanza cahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, ariko agasaba umukuru w’igihugu gushikiriza burundu ko itazotanga ico kibanza.

JPEG - 45.6 ko
Yakobo Bigirimana arongoye umugambwe FNL wemewe n’amategeko

Yakobo Bigirimana avuga ko irya ngingo idatomoye, kwabaye ukuyihagarikia itabaye kuyifuta kuko izosubirwamwo inyuma y ‘amatora, akavuga rero ko vyoba bitangaje cane ukungene Reta yotanga isoko rusangi, kuko ico kibanza abanyagihugu bagisangiye na Reta. Ku bwiwe kandi, ico kibanza, si ikibanza nk’ibindi kuko kidasanzwe. Agira ati:’’ Ni isoko yahiye yategerezwa gukingirwa na Reta isha amasaha atandatu yose , Reta y’ Uburundi iraho ntiyayizimya, kandi vya bizimya mwoto bihari abanyesoko baratanga amatagisi ‘’, nk’uko avyiganira bagenzi bacu bo kuri Bujumbura.be.

Ku bwiwe Reta yarikwiye guhoza amarira abanyagihugu baburiye muri iyo soko, kirya kibanza kikaba icibutso gihambaye, Reta ikubaka isoko y’akarorero igashumbusha ababuriyeyo ivyabo. Mu mugambwe FNL rero bavuga ko Reta izoshobora kuhatanga mu gihe abarundi bazoba batakiriho, kuko batazovyihanganira, nk’uko Yakobo Bigirimana abandanya avyigana . Mbere avuga ko bamaze gutangura urugamba rwo kurwana kugira ngo kirya kibanza ntikizopfe kigabiwe abanyamahanga. Yakobo Bigirimana avuga ko batanse imigambi y’iterambere , ariko ababuriyeyo ivyabo bategerezwa kuronka ikibanza kibakwiriye , agira ati:’’Hasi ni bubakire abanyesoko nimba bafise uburyo hanyuma hejuru bashireho iryo terambere bashaka.’’

Mu mugambwe FNL bakaba basaba umukuru w’igihugu gufata ingingo burundu, agashikiriza abarundi n’amakungu ko kirya kibanza ahevye kugitanga , kuko n’ubundi umukuru w’igihugu abicishije ku muvugizi wiwe, yavuze ko iyo dosiye izogaruka inyuma y’amatora Uburundi bwimirije.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.