Accueil > Poritike > Imigambwe > FNL yigenga yatanguye imyiyerekano co kimwe n’abandi
FNL yigenga yatanguye imyiyerekano co kimwe n’abandi
dimanche 26 Ndamukiza 2015
Inyuma y’aho Agaton Rwasa avugiye ko bashaka ibiganiro kuruta uko boja mu myiyerekano, umuvugizi w’umugambwe wiwe ahamagarira abari mu mugambwe FNL wigenga kwifadikanya n’abandi barundi mu kwiyamiriza ikiringo ca gatatu.
Aime Magera umuvugizi wa FNL yigenga avuga ko atawosigara inyuma mu kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, kidakurikije amategeko. Ariko rero Aime Magera akavuga ko umukuru w’umugambwe wabo adashobora guseruka kuko azi neza ko atokwihanganirwa n’ubutegetsi bwa CNDD FDD, yoca atabwa mu mvuto.
Naho biri uko, ibiraro vyose vyinjira mu gisagara ca Bujumbura, birakingiwe rwose n’abaporisi benshi, ikibanza citiriwe ukwikukira n’icitwa ukwigazanzura vyose birakingiwe kuva muri aka gaturuturu. Umuduga winjira wose mu gisagara abaporisi babanza kurunguruka abarimwo, naho ubona ko batabikazemwo. Ikindi mwomenya ni uko, mu maomine ya Nyakabiga, Musaga na Cibitoke, abanyagihugu baho baja bamaze gutangura imyiyerekano, aho ivyuka bikoroza amosozi vyatewe bamwe mu bari batanguye iyo myiyerekano.
Hagati mu gisagara ca Bujumbura naho, tukaba twabonye bamwe mu bari muri FNL ishami rya Agaton Rwasa bari kumwe n’abandi bari mu yindi migambwe, bari mu micungararo y’ikibanza citiwe ukwikukira, aho biboneka ko barindiranye n’abandi kugira, bahashike nk’uko babisabwe n’indongozi zabo.
Aristide Nizigire
Messages
26 Ndamukiza 2015, 10:17, par Firbert
Managarukira Uburundi Murikinogihe Amen
26 Ndamukiza 2015, 10:40, par Melchiade
RWASA YARAHINDUTSE NDAKE.EEE magera ARI NAMUYE ATI RWASA NTAZI KUVUGA URARABA NEZA URAJANA NA Nduwimana UMUDD KUK,ABANTU BEN,ABO TURABAMENYEREYE COKIMWE NA <<TOTI>>
26 Ndamukiza 2015, 10:55, par jackson
komera turinyuma natww
26 Ndamukiza 2015, 11:14, par Erick
Naze Adufashe Areke Kuvugira Iyari.Abanyepolitike Murazi Gukokeza
26 Ndamukiza 2015, 11:40, par Sylvere
Unyagihugu wese akunda igihugu ciwe akaba atagwaye canke akagira ibindi bibazo arumutama,umutamakazi urwaruka rudasigaye inyuma;novuganti ntasigare inyuma mukwiyamiriza ikiringo ca3 Nkurunziza yihaye kidakurikije amategeko!Nayo guyinya igipolice n’imbonerakure nukubireka!
26 Ndamukiza 2015, 13:49, par Uwubizi
Abasoda bashigikiye abanyagihugu kuko ku musaga bafashije kugira babareke bagere mu gisagara. N’ abapolisi nibakurikize ako karorero.
26 Ndamukiza 2015, 15:06, par Joseph Niyonzima
Icombona Nuko Abari Mumyigaragamvyo Bose Baze Baritwaza Amasashe Yokwambara Mumaso Mugihe Bateye Ama Crimogène Namazi Yogukaraba Mumaso.Kaza Mwendo Na Kaza Loho.
26 Ndamukiza 2015, 15:49, par prince
nimukomerecane doreko bagize gihungu icumugabwe wabo
26 Ndamukiza 2015, 16:53, par kazungu
rwasa ntaje ahabona mugabo hamagara aba FNL bose bamanuke ndaz ko tubafis muri rural
26 Ndamukiza 2015, 20:11, par john
Pierre Nguruziza must resign. He must give others to lead the country, instead of to kill more who are protest about his third terms office. He is not himself who is perfect to lead.
27 Ndamukiza 2015, 02:46, par prudence
burya murihenda mwibuke aho twavuye nabadutwara kuva bakwa ubutegetsi ntibaryamye bica umwumwe mwagiranya hagati yanyu RWASSA nimba mumwemera mumukurikire kuko yabonye kwikibiri kiri gutegura amahano,imana iracakunda UBURUNDI
27 Ndamukiza 2015, 11:23, par wenceslas bertin
si ils dorment dans les rues ca serait mieux
27 Ndamukiza 2015, 16:27, par NDUWIMANA
MAGERA BITANGURE ARIKO UMENYEKO UTAMENYA IYO BIZA GUHERERA....MUGABO NTAKIBAZO AHUBWO IYUBUWUNDI WASEMERERA UKAVUGA UTI AKAJAGARI GAHAGARARE.
28 Ndamukiza 2015, 09:07, par SAMWEL NSABIMANA
N,UKUJAMUMYIYEREKANO MURWANIRE BENEWANYU.UWOMUSWAWENAMBA ATARAHIMBA AMAVOKA NATUBISE
28 Ndamukiza 2015, 11:08, par Aferky
Muga ntimuvuge Rwasa, kuko yoca akurikiza kwica Imbonerakure zose, muraziko arusha Adolph kwica. Abatama bogerageza nka NTIBA, Domitien, BAGAZA
28 Ndamukiza 2015, 18:07, par donatien/ nyamaboko
magera wari watevye umutama nabe araruhuka kuko hari akazi kanini kamurindiriye ko gusubiza uburundi umutamana twe urwaruka rwabanama rimwe turagushigikiye ju zaidi nazaidi
28 Ndamukiza 2015, 18:07, par donatien/ nyamaboko
magera wari watevye umutama nabe araruhuka kuko hari akazi kanini kamurindiriye ko gusubiza uburundi umutamana twe urwaruka rwabanama rimwe turagushigikiye ju zaidi nazaidi
28 Ndamukiza 2015, 18:50, par DONATIEN/NYAMABOKO
WENCESLAS KUKI MUGUMA MUZURA AKABOZE ATACO KATUMARIYE AHO KUZANA IBIMARUBUKENE ABANYAGIHUGU AKAGUMA UZANA INZIKA WEWE WATURUSHIJE KUBURA ABACU GENDA MUNYAMABOKO UBAZE WEWE RERO NASHAKA KUKUBWIRA KO IVYO TWABIRENZE ABANTU NKAWE MURANTANGAZA KOMWARI MUFISE AHO MWARI KWIHORERA KO HARI MULI COMUTE YA VERITE ET RECONCILIATION MUKABA MUMAZE 10ANS MWARANANIWE MUGUSHIRA AHABONA ABATWICIYE MURACAVUGA IKI NTASONI MUBONA KO MWANANIWE VEHO HAJE ABANDI BABIKORE /IYO TWAVUYE SIWEWE WENYENE WABIKOZE BARIYA BANYARURAL BARIKO BA BABATERA AKAMO TI MUHINDURE MUSHIREHO UWUNDI MUKANDIDA WABARUSHIJE KURWANIRA DEMOCRATIE BAZA GACIYUBWENGE IVYO YAKOZE MURANGIJE NTIMWAMUHEMVYE KWIVUNA ..... ISUZUME NAWE NIBA WARIZE CHANGEMENT IRAKENEWE PETER ARARUSHE IVYO YAKOZE ARABIZI NIBA ARI VYIZA ABANYAGIHUGU BARIKO BARAMUSHIMIRA
30 Ndamukiza 2015, 00:44, par INTANBWE
jEWE NARAYE NVUGISHIJWE N,iMANA PITER NA LUDOLPHE NA BUNYONI BARI KUBANYONGA KURI STAD KANDI KENSHI IVYO MBONEKEWE BIRABA KOMEREE
3 Rusama 2015, 13:37, par JUSTIN BEIBER-LOY MUZYE RUTANA
NIVYO NUKO BOKOMEZA KWEREKAND AKABABARO ATACO BONONYE
3 Rusama 2015, 13:39, par JUSTIN BEIBER-LOY MUZYE RUTANA
NIVYO NUKO BOKOMEZA KWEREKANA AKABABARO ATACO BONONYE
3 Rusama 2015, 21:19, par niyubahwe viator
petero nkurunziza ni yubahirize ibwirizwa shi ngiro
11 Rusama 2015, 20:55, par Elyse niyubahwe batazir nsabimana
abanyagihugu batobato turashobora kwigenza neza kuko hariho abahahombera mukubura ababo nutwabo ivyiyerekano sumugumuko nuguhiga ukuri eherero tumenye yukwo twovyitwaramwo neza atawe turenganya imbonerakure mwitware neza ok