Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FOCODE na CROIX ROUGE batanguje ibikorwa vyo kugarukira ku bahuye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > FOCODE na CROIX ROUGE batanguje ibikorwa vyo kugarukira ku bahuye (...)

FOCODE na CROIX ROUGE batanguje ibikorwa vyo kugarukira ku bahuye n’Isegenya

mardi 11 Ruhuhuma 2014

Ishirahamwe FOCODE (Forum pour la Conscience et le Développement) ryifadikanije n’abandi babandanya kurungika ubutumwa bwo guhoza imiryango yabuze abayo n’ivyabo mw’isegenya ryahitanye abantu baharurwa mw’158 mw’ijoro ryo ku munsi w’Imana. Muri FOCODE batanguje uruganda ruhurikiyemwo n’ayandi mashirahamwe, kugira begeranye imfashanyo zizoshikirizwa abanyagihugu bari mu kangaratete.

Inyuma y’aho inkuru y’uko inganda zatikiye imenyekaniye, Reta y’Uburundi yarabangukiye ahabereye iryo bara, yongera ifata ingingo yo gupfubisha abitavye Imana, hamwe n’ukwiyemeza kuzorihira amafaranga abanyagihugu bakiri ku misego. Mw’ishirahamwe FOCODE barashima iyo nyifato ya Reta, ariko bakamenyesha ko bitari kugarukira aho. Kubwa Pacifique Nininahazwe, Reta ntiyari kuvuga gusa ko itunganije iminsi ibiri y’ikigandaro, amabendera amanutse, ahubwo ko Reta yari kugirako igatunganya ibiganiro vyuguruye, abanyagihugu bagahura kugira biyemeze ivyo boshobora gufasha, na kare ko mu migenzo y’ikirundi, ukugandara kwajana n’ugutwara udukwi kuwabuze.

JPEG - 995.9 ko
Pacifique Nininahazwe arongoye ishirahamwe FOCODE

Ishirahamwe FOCODE (Forum pour la Conscience et le Développement) ryiyemeje gutunganya ihuriro n’ayandi mashirahamwe yose avyipfuza, batororokanye amafaranga n’ibindi vya nkenerwa vyofasha kugarukira ku banyagihugu bahuye n’impanuka y’isegenya ry’imvura. Mu ntumbero yo gukorera ku mugaragaro, Pacifique Nininahazwe, umukuru w’ishirahamwe FOCODE amenyesha ko iminsi yose ku mugoroba, biciye ku rubuga ngurukanabumenyi Facebook rw’ishirahamwe FOCODE, bazokwama berekana ivyatanzwe uko bingana. Nimero ya konte ihava imenyekana ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri, kugira abantu bose bavyipfuza kandi bafise umutima wo gufasha baterere agacumu k’ubumwe. Inyuma y’ico gikorwa, imfashanyo zizoba zatororokanijwe zizoca zishikirizwa ishirahamwe CROIX ROUGE rijejwe gutabara imbabare mu Burundi, kugira zishikirizwe abanyagihugu.

Pacifique Nininahazwe asaba Reta ko yoshiraho umurwi ugizwe n’impande zose, kugira bakurikiranire hamwe ibijanye n’imfashanyo zizotangwa, kugira ntibizosubire kumera nk’ivy’isoko yahiye, hama imfashanyo zitanzwe ntizashikirizwa abahuye n’ivyago nk’uko vyategerezwa.

Ishirahamwe FOCODE ryaboneyeho akaryo ko gukebura Reta kugira ishireho imigambi yo gutunganya neza igisagara, hamwe n’imigambi y’uburaro bwiza, kugira abanyagihugu bakenye ntibasubire kurwa mu kaga k’impanuka z’imyuzurira.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ivyashikiye abarundi kubera isegenya ry’imvura, rirababaje. Leta, abarundi n’abandi b’umutima, ni vyiza bagarukiye abo bantu basigaye muri kambaratete.
    Pacifique Nininahazwe wa FOCODE ni areke izo mvugo za politique. Ko yakemuye ko Leta ikorera mu rufurifuri, akwiye kubihoza hama agakorana n’abo bose azi kandi yumvikanye na bo gukorera mu muco. Mu migenzo y’ikirundi, nta wugenda arata ico yafashije uwabuze canke abari mu ngorane nk’izo. Leta n’Umugambwe CNDD-FDD canke ses partenaires politique, nibabihoze bakore ivyo bategekanije kandi bashoboye. Na kare ni ho abo bahuye n’iyo sanganya botorer’akoyoko kurusha.

  • Pacifique, ndabizi urababaye canekubera ivyovyaraye bibaye bikaduhekura na reta nikokwuko irababaye cokimwe nawe, mugiherero urikurareba ukuntuwogarukira kubarokotse bikore ubikunze tugende widonga ngo reta retaaaa kuko nubwo wewe na reta mwese mufisumubabaro kubera iryobara ryaraye riguye iyo abarimuriyo reta uriko uragenda uterinduru uvuvugango reta yarikwiye kugiraguti naguti kuberumubabaro musangiye niyo reta iyurikurafasha wongera widoga ubwira reta gurtyo uburiku urogereza umubabaro wiyongera kuwobatewe niryosanganya. Ndababarero mufashe mutidonga niho n’Imana ishima ivyomuriko murakora.

  • Burya intwari zamye zibonekera mu biringo bihambaye nk’ibi. Gusubiza umwizero uwihebuye, kuremesha uwataye umutwe atabona iyo aja n’iyo ava, gufasha uwo uzi neza ko atari mu nzira y’ejo canke hirya yejo kugusubiza , ni igikorwa c’Imana .Komera ku muheto kandi Imana yongereze ingoga abo bose bafise icipfuzo ciza nk’ico.Uri vy’ukuri umusamariya w’imbabazi, maze Iyaturemye izobiguhere igitsibo, mwe n’abo bose bafise umutima w’imbabazi nkawe.

  • Ehe ibintu tuzohora turibukira ku ntwaro ya CNDD

    1. GUTURIRA ISOKO NKURU YA BUJUMBURA
    2. GUSAMBURA IMIGAMBWE
    3. KWICA NO GUPFUNGA ABO MUYINDI MIGAMBWE
    4. KWIBA ITUNGA RYA RETA
    5. GUHA AKAZI ABA DD GUSA

    NB: barya bakenyezi baneye umukuru w’igihugu naho batavuzeko ariwe bahene, NKURUNZIZA natabasaba ikigongwe hazokwama haba ibintu nk’ibi by’isegenya,indwara ubukene bwobwo bwaramaze kwaka indaro. 85% de la pop. ni abahutu kandi majorité ni DD ubukene burabageramiye. Donc CNDD FDD = ZERO

  • Amakuru ava kwa Petero avugako UMUTAMBUKANYI wiwe DENISE BU10 haheze iminsi amubarira ngo akinjure ave mu mabanga areke gusubira kwitoza ubwa 3 ariko yaranse kumvira, ayandi makuru nabwiwe ejo ndi mu RUYIGI aravugako hari umusoda wo ku rwego rwa GENERAL agire akomborwe kuko petero atakimwizeye neza. Twobamenyeshako UMURIRO URIKO URAKA IMBERE MU NZEGO ZITWAYE IGIHUGU. ubu jewe ndi ku mu paka ninumva bikaze nca nigira tanzania.

  • Kamwenubusa sha!Eka wiyise izina rigukwiriye koko!Mbega ntiwokwigumura wenyene,utahahamuye abandi?Ehe sha fat inzira wigire iwanyu tanzaniya.

  • Ishirahamwe Initiative Secours Citoyen-NTABARIZA ririfatanije umubabaro n’ababuriye mw’isanganya ry’isegenya y’imvura.Rikaba rihojeje imiryango yabuze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.