Accueil > Amakuru > Poritike > FOCODE isaba abakuru b’ibihugu vya Afrika kutaguma bashaka kwiyongera (...)
FOCODE isaba abakuru b’ibihugu vya Afrika kutaguma bashaka kwiyongera ibiringo
vendredi 31 Gitugutu 2014
Ishirahamwe FOCODE rimwe muyadahanira ivyicaro vya poritike, risaba abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika bariko bararangiza ibiringo vyabo, kuvavanura n’ingendo yo gusahaka kwiyongeza ibiringo bitemewe n’amategeko.
Ivyo Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE akaba yabivuze inyuma y’aho umukuru w’igihugu ca Burkina Faso ataye agahunga, abanyagihugu bamugumukanye kubera yashatse guhindura ibwirizwa nshingiro ngo yitoze ubugira gatanu. Blaise Compaore rero ubu bikavugwa ko mu guhunga yoba yafashe indege ya kajugujugu yigenga, bikavugwa ko yoba yagiye mu gihugu ca Ghana.
Uwo arongoye FOCODE asaba umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza hamwe n’abandi bakuru b’ibihugu bitandukanye vyo muri Afrika kuzorangiza neza ibiringo vyabo bahabwa n’amategeko. Kubw’iwe, ivyo baterekuriwe n’amategeko bobiheba. Mwomenya ko FOCODE co kimwe n’ayandi mashirahamwe nka FORSC rihurikiyemwo amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, basavye umukuru w’igihugu c’Uburundi ko atokwitoza ubwa gatatu mu kurongora Uburundi. Bakavuga ko amasezerano ya Arusha hamwe n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi bitabimurekurira.
IGIHE
Messages
31 Gitugutu 2014, 18:24, par So
Pacifique wewurintumva umukuruwigihugu ahoyakavugiye ko uwuzokwitozawese kwazotegerezwa kubahiriza cankekwisunga ibwirizwashingiro ryuburundi namasezerano ya Arusha warihehe? Birantaje kwumva uriko uramushira mukibanza kitariciwe! Twebwabarundi ntituzokwemerera ko umukuruwigihugu twitoreyekabiri twebwenyene ubwacu kwongera kumutora ubwagatatu. Nonega Pacifique wewumaze gutora uwo prezida Nkurunziza kangahe tutabeshanye?
31 Gitugutu 2014, 18:53, par Kibiri
Ndabaza Pasifike nti: Pasifike umaze gutorakangahe uyu perezoda Nkurunziza wewe nyenubwawe? Ndazikwaririmwe naryonyene sukuvugako ariwewatoye arikonigihe abenegihugu bahamagariwe kumwitorera.
31 Gitugutu 2014, 20:20, par ndiho
namwe mwiteguye kugumuka murabikora turabe,ko murabagabo wama,witinbere ndakwinginze 2015 uzitoze muhiganwe na pita turabe amajwi uronka aho mwagumukiye kuva mukirongoye yamirwi yabasanzesheke ntimurabona kwatanyungu mbega weho wibaza kuzorangiza neza namaraso yababanyeshure bomuri kaminuza wicisha
31 Gitugutu 2014, 20:48, par cuki
Sha uravuzukuri ahubwonatwe tuzobikora kurya kwomuri brkn faso ntamikino
1er Munyonyo 2014, 06:56, par bubanza
jewe hako pacifique yokwama akoresha akarimi nashinge umugambwe nawe yitoze canke aje mumugambwe wabo mcd yitoze. turabazi. kwazi kuvuga ivyabandi . niho bavuga ngo inda yumworo iboneka agasamo. uburarambiwe,nabado ruzocimana tenyenya komutaribwahindure uburundi pradiso amakosa yabandi yo murayabona huuu.
1er Munyonyo 2014, 07:49, par Mechack
Benedata ntimwibaze vyishi ikiriho ibiringovyiwe bibiri birimuguhera nagende amahoro ivyoyakoze twarabibonye rekaturabe ingabire zirimubandi nabo cane cane Gwasa ikindi arabire kuribuyoya Inmyaka yaguma yiyongeza akica abatowe kugira atware ariko kundunduro yavyose araho none ubona yakuyemwiki!nimumenye kwivyisi bitamagwa!ntamagwa rero ararekwa!!
1er Munyonyo 2014, 20:34, par Cyrille
Nyakwubahwa mutama se barundi Peter,akwiye gutwara imyaka 50 kugirango igihugu mutere imbere.kuko perezida gutwara imyaka 5 akavaho nubuhombe bw’abafrika ninyungu kubandi ntavuze.Kurikirana ibihugu bifise abatware batwaye imyaka myishi ivyo bihugu nivyo bifise ijambo.perezida akuwe inyuma ya 5yrs ntaba aramenya amagorwa y’igihugu.Dusumbwe ubwenge nabami ba kera.?Igihugu gikwiye gutwagwa numuntu akiri muto 25yrs hanyuma atware 30 yrs.
4 Munyonyo 2014, 15:42, par Nikobiri
Ntaco novuga kuri commentaires zanyu mwese. reke turindire tuzoraba amaherezo ya Peter. Iyo abiyumviriye kwica Ndadaye baza kumenya ko abahutu barigushobora gufata inkoho bagakora iki rebelle, ntabwo bari kumwica. raba aho bibagejeje ubu. N’ubu rero Peter n’abiwe bashobora kwibaza ko abarundi bose ko boba basinziriye , ndetse bagategura uko bobo bibaza vyogenda muri 2015; nobabwirako bazotangara basanze ahubwo baguye mu mitego hama bagatakaza ubutegetsi bara bafise....! Buca ndora, reka nsabe kuramba.