Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Fondation Buntu igiye gukorana na Mamta institute ku rugero (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Fondation Buntu igiye gukorana na Mamta institute ku rugero (...)

Fondation Buntu igiye gukorana na Mamta institute ku rugero rushimishije

mercredi 13 Ruhuhuma 2013

Ikigo Mamta institute co m’u Buhindi gikurikirana ibijanye n’amagara y’abavyeyi n’ibibondo,cararungitse umugwi mu rugendo rw’iminsi ine m’u Burundi.Baje k’ubutumire bwa Fondation Buntu kugirango baganire ku bijanye n’imigambi boshobora gukorera hamwe.

Nk’uko Salvator Nizigiyimana icegera c’uwurongoye Fondation Buntu yatangujwe n’umupfasoni w’umukuru w’igihugu yabimenyesheje bagenzi bacu bo ku nsamirizi y’igihugu,Mamta institute yari isanzwe ikorana na Fondation Buntu ibicishije muri Dava Trust na cane cane mu bijanye no kuvura abasanzwe bafatwa mu mugongo na Fondation Buntu.

Igihe umukuru w’igihugu ari kumwe n’umukenyezi wiwe bagira urugendo mu gihugu c’u Buhindi mu kwezi kwa Nyakanga umwaka w’2012,agiye gushikirizwa agashimwe gahambwa indongozi y’akarorero muri Afrika,ako nako kakaba gatangwa na Mamta institute,ico kigo caciye gisaba ko cokorana na Fondation Buntu begeranye cane.

Ni muri iyo ntumbero Mamta institute yarungitse umugwi kugirango uze kuraba ibikorwa boshobora gukorera hamwe na Fondation Buntu.
Ivyo bikorwa bishingiye ahanini ku gushigikira ibikorwa vya Fondation Buntu vyo gufasha imbabare hamwe n’impfuvyi.

Salvator Nizigiyimana yamenyesheje kandi ko,ico kigo co mu gihugu c’u Buhindi kitazokorana gusa n’ishuri kaminuza y’ubuganga INSP,ariko ko izokorana n’umugambi uraba ivyo irondoka rijanye n’amagara meza.

Mwomenya ko Mamta institute yipfuza gukorana n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya Sida mu gisata c’irondoka rijanye n’amagara meza.


Mugisha Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.