IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Fondation STAMM yatanze imfashanyo ku bahuye naya mvura y’isegenya

Fondation STAMM yatanze imfashanyo ku bahuye naya mvura y’isegenya

samedi 8 Ntwarante 2014

Ishirahamwe Fondation STAMM ryashikirije agakemanyi kagizwe n’imfungurwa n’uburengeti ku banyagihugu bo muri komine ya Buterere bahuye n’ivyago vy’aya mvura yisegenya yaguye igahitana abantu n’ibintu, ku wa 9 Ruhuhuma 2014.

Ku munsi w’ejo kuwa gatanu igenekerezo rya 7 Ntwarante, ishirahamwe Fondation STAMM ryaratanze imfashanyo ku banyagihugu bo mu Buterere bahuye n’ivyago mu mvura y’isegenya yaguye ku munsi w’Imana igenekerezo rya 9 Ruhuhuma, aho yahitanye ibintu n’abantu. Iyo mfashanyo ikaba igizwe n’imfungurwa, ivyo kwifuka, uburengeti, amavuta n’umuceri.

Abo banyangihugu bahawe n’akaryo ko kuja kwivuza mu kiringo c’ukwezi ku bitaro vy’iryo shirahamwe bisanzwe bikorera aho mu Buterere nyene.
Mwomenya rero ko abanyagahigu 80 aribo bashoboye kuronka iyo mfashanyo, mu gihe gushika n’ubu ivyo gufasha bikiri vyinshi. Muri iryo shirahamwe Fondation STAMM batera akamo abandi barundi kugarukira kuri bagenzi babo bahuye n’ivyago.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.