Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
FORSC: “Ntihakagire uwuhirahira ngo akore kuvyashitsweko i Arusha” - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > FORSC: “Ntihakagire uwuhirahira ngo akore kuvyashitsweko i Arusha”

FORSC: “Ntihakagire uwuhirahira ngo akore kuvyashitsweko i Arusha”

lundi 16 Kigarama 2013

Kuva aho bivugiwe ko ibwirizwa nshingiro rigiye gusubirwamwo, amashirahamwe ashika ku 519 ataho yegamiwe mu vya poritike hamwe n’amashirahamwe ashigikiye isekeza bise “ Ntihagire uwuhirahira ngo akora kuvyumvikanyweko i Arusha” yandikiye amakete abategetsi batandukanye b’igihugu na mvamakungu, nk’umunyamabanga mukuru wa ONU hamwe no bafashije mu maserano y’i Arusha mu kwiyamiriza intumbero y’abagiye kurihindura.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru, amashirahamwe nka FORSC, FOCODE, ACAT na OLUCOME yifadikanije n’ayandi 519 ataho yegamiye mu vyaporitike, yerekanye aho ahagaze ku bijanye n’inama yatunganijwe n’inama nshingamateka igiye kuba ku magenekerezo ya 19 na 20 Kigarama 2013.

Vital Nshimirimana arongoye ishirahamwe FORSC, ari no mu batanze ikiganiro co kuri uyu wa mbere wa 16 Kigarama, yamenyesheje ko amashirahamwe ataho yegamiye mu vyaporike arajwe inshinga n’ikibazo c’isubirwamwo ry’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi.

Mu makete bagiye bararungikira abategetsi batandukanye, yaba abarongoye igihugu canke mvamakungu, Vital Nshimirimana avuga ko basohoye icipfuzo cabo kivuga ko ibiganiro ar ivyo vyoshimikirwako imbere y’uko hafatwa ingingo n’imwe ku bibazo nkoramutima biraba ubuzima bw’igihugu. Ayo mashirahamwe akavuga ko atewe amakenga mu gihe amaserano yabereye i Arusha yorengwako kuko bishobora no gusubiza igihugu mu nkumbi, indyane n’amacakubiri bikugariza igihugu. nta muntu n’umwe arekuriwe gusubiza inyuma ivyumvikaniyeko i Arusha.

Ku vyerekeranye n’inama igiye kuba ijanye n’isubirwamwo ry’ibwirizwa nshingiro ry’igihugu c’Uburundi rigizwe n’amatekego ashika ku 89, amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike avuga ko ata muntu n’umwe arekuriwe gusubiza inyuma ivyumvikanyweko i Arusha. Ayo mashirahamwe akabona kandi ko hategerezwa kubanza kuba isuzumwa ryivyasinyiwe i Arusha aho bigeze, imbere y’ukwo haba isubirwamwo ry’ibwirizwa nshingiro riraba igihugu n’abanebegihugu.

Amashirahamwe FORSC, FOCODE, ACAT, OLUME n’ayandi ataho yegamiye mu vya poritike avuga ko atewe amakenga n’ubwoba bwoba buriko bugirwa n’abanyagihugu bose badashigikiye isubirwamwo ry’ibwirizwa nshingiro. Aho twovuga nk’umukuru w’abacamanza atungwa agatoke, umukuru w’ishirahamwe FOCODE hamwe no kucegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU, Frederick Bamvunginyumvira ari mu Mpiba ubu.

Mwomenya ko zimwe mu ngingo ayo mashirahamwe zafashe, ari uko, atazigera ashigikira ingendo yose y’isubirwamwo ry’ibwirizwa nshingiro izoba ije kwemeza ukwitoza ubwa gatatu kw’umukuru w’igihugu canke kugabanya ububasha bw’inama nshingamateka. Asaba ko hoshingwa umurwi, uzokwiga ibizokorwa muri iyo nama itegekenijwe kw’igenekerezo rya 19 na 20 ijanye n’isubirwamwo ry’ibwirizwa nshingiro.


Mariella Bukuru

Messages

  • Jewe nasha basabe ko ibintu vyo gushaka kuguma kubutegetsi atari vyiza kuko murabona ko na mandela yaburekuye ubwo rero nkatwe tuba hanze turabona ko bashaka kuguma kubutegetsi.mana tuzotaha ryari nta kuvikana guhari igihe munshirire ahabona ibitekerezo i mana ibafashe kumakuru muduha.

  • Iyaba aha mu Burundi hari abashingantahe nka Pacifique NININAHAZWE,Vital NSHIMIRIMANA,Gabril RUFYIRI n’uwo arongoye ACAT eka abomumashirahamwe 519 adaharanira ivyicaro vya politique uburundi bwokogoroye nn hari bansumirinda gusa ,Bashingantahe murongoye ayo mashirahamwe 519 komera kwibanga muharanire kurangwa ntimuharanire kuramba IMANA izobajimbere ntakibera ubusa kubaho kwanyu harico IMANA yabashakako kandi kigomba gukoreka uwumwaka nyene ,abo bari kubutegetsi nabo mvuga nti«hazozimira iyagenewe kuzimira».Nibahunge uburake buzoba ataraho bagiye guturirwa na GIHENOMU abera barorera ,ntibibaze ngo IMANA irakinishwa habe nagata kandi IMANA ntibeshwa

  • Nagire nsabe abo bashingantahe bijunja n’ijambo babandanye urugamba barimwo rwo kuvugira abanyagihugu kuko abategetsi bo baraba inda zabo. Aka kanya (abategetsi) baribagiye iyo baje bava?umenga batwaye imyaka 40 nka Paul Biya wa Cameroun. Ntamyaka 10 iheze bari mwishamba, bavuga ngo bashaka democratie, ubutungane n’amahoro mubarundi. Mugabo ingendo n’ingiro berekana, eka kuva bashitse kubutegetsi, bitandukanye n’imvugo bari bafise. Mbe bari bazi ko gutwara vyoroshe?nibasonere amasezerano ya Arusha, ibwirizwa nshingiro, bongere bahagarike gutora amategeko aza ahonyanga ubwigenge n’ukwira ukizana bw’umunyagihugu, yabagaburiye bakiri mw’ishamba akongera akabatora muri 2005. Peter namenye ko naho aza aratanga ubushimwe ashimira umugore, umwana wiwe, aba généreaux biwe...igihugu Atari icibare ciwe. Buraca bugacana ayandi kandi nta ntwaro yahozeho, nizaba farawo zarabayeho imyaka niyindi zirahera.Nakinjure haze ubutungane buhashe ivyo abononye muri iyi myaka 10 gusa batwaye batoba.bahereye kuri abo ba généreaux bapfukamye I gihugu munda.

  • abatutsi bahagurutse Nkurunziza akwiye kuzoraba akarorero kuri NTIBANTUNGANYA igihe yahungira muri USA embassy gusa umwngo kuri nkurunziza hariho ibizogorana gato ... aba General baraho muri presidence iyo bazoba babashize kuki niba atwara nabi batomureka ngo atsindigwe kumugaragaro gusa muraraba neza Pasfique harico apfa na nkurunziza si gusa !!!

  • Ewe TWIKEBUKE nuko uvuga ko bahana aba generaux ba Nkurunziza bakoze amakosa ukibagira aba Major n’aba colonel bapfukamye igihugu n’abanyagihugu imyaka irenga 40. Bimwe vyo nibaza ko wavyiboneye canke "woba" warabikoze ariko ukabirenzoko amaso. Nivyiza ko ukuri no kurekuriranira vyoshirwa imbere nayo ahandi ho ntaho turiko turaja.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.