Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > France: Abadandaza umubiri bagera 500 barahakana itegeko rigiye (...)
France: Abadandaza umubiri bagera 500 barahakana itegeko rigiye gushirwaho
lundi 30 Ntwarante 2015
Abadandaza umubiri bo mu gihugu c’Ubufaransa baragiye mw’ibarabara biyamiriza itegeko rishasha rishinga ibihano bizohabwa abadandaza umubiri n’abawugura ryariko ryigwa n’inama nkeguzamateka.
Abagore n’abakobwa badandaza umubiri"travailleuses du sexe" barwiriyemwo aba chinwa, abahuza ibitsina babisangiye bava mu bumanuko bwa Amerika bose bagera ku 500 baragize imyiyerekano bava ahitwa Pigalle bagana Belleville mu Bufaransa bitavye akamo batewe n’amashirahamwe atandukanye bahurikiyemwo nka:Syndicat du travail sexuel, Act-up, Aides. Ibisagara vya Pigalle na Belleville biri mu vya mbere birimwo abadandaza umubiri benshi nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru 7sur7.be.
Binyegeje mu maso bakoresheje ivyo bita"masques" canke bipfukishije udutambara, bose bariko bahakana itegeko rishiraho ibihano bifatirwa abagura kugira imibonano mpuzabitsina"achat d’acte sexuel" hamwe n’inyifato abadandaza umubiri bagira kugira baronke ababashorera(racolage). Abo bagura imibonano mpuzabitsina "achat d’acte sexuel" bazocibwa ihadabu ringana amahera 1500 y’ama "euros".
Umuvugizi wa "syndicat" y’abadandaza umubiri, Morgane Merteuil avuga ko uko ari ukutitaho ubuzima babayemwo, kuko iryo tegeko risa n’iryabayeho kera kuko ababashorera bagabanutse cane. Aying, umu chinwa arongoye ishirahamwe ry’abadandaza umubiri mu Bushinwa ati:"turiyamirije ibihano ku banywanyi bacu n’igihano kw’ikosa ry’inyifato yo kubarondera(racolage)".
EELV Esther Benbassa, umwe mu bakenguzamateka yashigikiye abo badandaza umubiri bari mu myiyerekano ati:" Jewe mbona mwokwiruka cane ku basuma-bicanyi(mafias) mureke abo bagore. Twarasubiye inyuma kugira dutange ishusho nziza ku muco mwiza."
Abahuza ibitsina babisangiye bari muri iyo mwiyerekano bati:" Ahubwo iryo tegeko rije gutuma tubandanya twinubwa". Giovanna Rincon arongoye ishirahamwe ry’abadandaza umubiri Acceptess-T ati:" Ubumaraya buradutunze". Ornella, adandariza umubiri kuri Rue Saint-Denis, nawe ati:" kuki batubuza gusanza umubiri wacu kandi turi mu gihugu kirimwo democrasi?.
Mwomenyako itegeko rishiraho ibihano vy’abadandaza umubiri ryigwa n’inama nkeguzamateka kuri uwu wa mbere n’uwa kabiri ku magenekerezo ya 30 na 31 Ntwarante mu Bufaransa.
Cherif Nkeshimana
Messages
31 Ntwarante 2015, 07:23, par Leonidas
Ahubwo nibabafatire igihano co gufungwa burundu kuko bariko batera isi akaga.
31 Ntwarante 2015, 11:24, par vincent
nibabumvirize babaronderer akazi kandi bokora
31 Ntwarante 2015, 13:19, par rupande
Uwo mutamakazi afis icapa canditseko ngo "je vends mes fesses?" uwundi nawe ngo bamubuza gusanza umubiri wiwe ari mri democratie? Tugir imana babakobwa bacu ntibavyumve ntitwobakira, mri democratie ntibasanza amatako
1er Ndamukiza 2015, 06:57, par Singirankabo majolis
Nonega abikigihe ntibamenya ivyabaye kuri.loti.icovyavuyeko .bwari ubusambanyi nkubwo.ivyo imana ntivyihanganira .
3 Ndamukiza 2015, 22:00, par nestor
iyaba baribazi ibikomeye biri imbere bari gucu ira intimba bakarira mbere bakambara amagunira.
12 Ndamukiza 2015, 22:24, par ndikumana michel
erega muraraba ubukene nibwishi no muburundi murabiziko ivyo bihari bigaterwa nubukene buri mugihugu nibabareke kuko nabo nibagira aho basoroma
27 Ndamukiza 2015, 17:03, par ir
niyaba democratie ari ugukora amafuti yose umuntu ashaka biragahera irakavaho
umubiri IMANA yaguhaye s’uwo kudandaza canke kwinezereza
6 Rusama 2015, 22:03, par EDOUARD kinyabwoya
MBO,JEWE.ICONOBIVUGAKO EREGAKUNDANDAZA UMUBIRI,HAMWEBIRAVA,NOKUBUKENE,BUBA,BUR,IMUGIHUGU.ARIKOKANDI,KUMUKOBWA NIVYIZA GUKOBIMUZANIRA AMAFRANGA KUMUHUNGU NAWEBIKAMWIBA AMAFLANGO BOSEBAGAHURIRA KUKUGWARA INGWARANYISHI