Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
France:Abashakashatsi bakoze urubuto rw’umugabo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > France:Abashakashatsi bakoze urubuto rw’umugabo

France:Abashakashatsi bakoze urubuto rw’umugabo

lundi 21 Nyakanga 2015

Abashakashatsi b’Abafaransa bakoze uburyo bwo gukora imbuto z’umugabo, bakoresheje uturemangingo(cellules) tuvuye mu bagabo batavyara.

Naho biri ukwo,abo bashakashatsi ntibaramenya ko izo mbuto z’umugabo zishobora kuba zikomeye ku buryo zihuye n’izo umugore zotanga umwana.

Uwo murwi wakoze ubwo bushakashatsi niwo wa mbere ,ushoboye kuzana inyishu ku bagabo bafise imbuto zidashobora kuvamwo abana,ariko bishobora gutwara igihe kirekire kugira izo mbuto zishobore gukora.

Abo bashakashatsi bakorera ikigo Kallistem biotech c’i Lyon mu Bufaransa, bavuze ko ubu buryo bwatanguye kugeragezwa mu kwezi kwa Ruheshi 2015, ariko bishobora kuzotwara imyaka 20 kugira urwo rubuto rw’umugabo rukore.

Urwo rubuto rw’umugabo rwakozwe mu turemangingo tw’umugabo atavyara, rushobora kubaho imyaka myinshi rubitswe mu vyuma.

Aba bashakashatsi batanguye kugeragereza ku mbeba no ku nguge, mu nyuma bageragereza ku muntu. Bavuga ko ubu buryo bugoye cane kandi butwara igihe kirekire, kuko butwara amasaha 72.

Abo bashakashatsi bavuga ko urwo rubuto ruboneka nkaho rufise ubuzima,ariko ikibazo kikihari nico kumenya nimba ruhuye n’urubuto rw’umugore rushobora gutanga umwana.

Philippe Durand umwe mu bagize uwo murwi w’abashakashatsi, yabwiye abanyamakuru ko bagiye gukora imbeba kugira barabe ko ziza zikwije ibimenyetso vy’imbeba ,mu nyuma bakore izo umuntu.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.