Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ikinyamakuru Charlie Hebdo kigiye gusohora inomero ya Mahomet ariko (...)
Ikinyamakuru Charlie Hebdo kigiye gusohora inomero ya Mahomet ariko ararira
mardi 13 Nzero 2015
Inyuma y’aho ikigo gikoreramwo ikinyamakuru Charlie Hebdo giterewe n’abahungu ba Kouachi, abamenyeshamakuru bacitse kw’icumu biteguriye gusohora ikinyamakuru cerekana Mahomet ariko arizwa n’ivyashitse.
Ibinyamakuru bigera ku bihumbi bitatu bikaba arivyo bizosohoka kuri uyu wa gatatu, biriko igicapo c’intumwa y’Imana Mahomet, ariko ararizwa n’ivyashikiye abo bamenyeshamakuru. Kuri ico gicapo, Mahomet akaba afise igicapo canditseko :’’ Ndi Charlie’’. Ico kigo gikoreramwo abo bamenyeshamakuru, kikaba caratewe kuri uyu wa 7 Nzero hagandagurirwa abantu 12 harimwo abamenyeshamakuru 10, bishwe n’abihevyi b’abadjihadistes bava mu nda imwe Cherif na Said Kouachi, aho barashe bakoresheje inkoho ya kalachnikov, bavuga ko bariko barahorera Mohamed.
Kuri ico kinyamakuru kizosohoka kuri uyu wa gatatu, ivyo bicapo bikaba vyabonywe bitarasohoka kuri uyu wa 12, Mahomet arembejwe n’amosozi y’ivyashikiye ikinyamakuru Charlie Hebdo . Ico kinyamakuru rero kikazosohoka mu ndimi 25, ndetse kikazodandazwa no mu bihugu bitandukanye.
Mukamenya ko mu gihugu c’Ubufaransa kuva aho ico kinyamakuru giterewe, umukuruw’ico gihugu yaciye afata ingingo yo gukura abasirikare mu makambi kugira baje gucungera umutekano w’abanyagihugu. Ibihumbi 10 vy’abasirikare bakaba bagiye kuziyongera kuri 5 vyari vyamaze gusohoka kugira abighevyi ntibasubire kuronka aho bamenera.
Aristide Nizigire
Messages
13 Nzero 2015, 10:32, par Terroriste
Mbe mubona ivyo bintu twe aba Musulmans tugirirwa ari vyo!!!??natwe nituzoreka kubaca amazosi nokubamenagura ubuhanga hama mubandanye mutwita aba terroriste!!!
13 Nzero 2015, 10:52, par Djuma
uku nugusotora abayisram niba aribyo bashaka barindire turaje tubereke uko intama zambara iyo ntumwa y’imana bayironderako iki uwomukino bagomba gukina uzaba kururira mazi nkumusoma
13 Nzero 2015, 20:22, par mugisha
ndababwizukuri ibihe bikomeye bigiye gushika vuba ntibazi icarico Islam barabaza rushid ismael nubu arimukinyegero kubwusotozi nkubwo hanyuma ngo aba Islam nibabi mohhamad haruruhara afise muribi vyabaye..ndaririye abafaransa akokaga bagira bikwegere nibakomeze.
15 Nzero 2015, 14:45, par MVUZO
Hahahaaa ahubwo nibasohore vyinshi kwiryo dini ryitwaza inyigisho zikaze za Islaam mukwica abantu nibitero vyukwiheba ahubwo isi nihagurukiye iyomirwi yintagondwa
15 Nzero 2015, 20:38, par ndayizeye malik salum
ivyo bishushanyo kuntumwa yacu abislam turavyiyamirije
23 Kigarama 2016, 20:09, par Thobias,ndalipfanye,mpoze
Ngomba,kujamufreemasoni,kugilango,ndonke,ubulilivye,,