Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ubufaransa : Umugore yishe umwana wiwe afise ingorane mu mutwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Umugore yishe umwana wiwe afise ingorane mu mutwe

Ubufaransa : Umugore yishe umwana wiwe afise ingorane mu mutwe

mardi 3 Ruhuhuma 2015

Mu gihugu c’Ubufaransa havugwa umugore yishe umwana wiwe yarafise ingorane mu mutwe.

Umugore afise imyaka 50 y’amavuka yihekuye mu kwica umwana wiwe w’imfura afise imyaka 22. Uwo mwana yari asanzwe afise ingorane mu mutwe kandi afise n’indwara y’intandara, bigatuma ibintu vyose uwo mwana yagira yakoresha uburyo bw’inguvu. Uwo muvyeyi akavuga ko icatumye yica uwo mwana, ko uwo muhungu wiwe yama akoresha inguvu (violence) imbere ya nyina wiwe, ko yabuze ukuntu yomufata, hama kumwica aribwo buryo yabonye bwo kwikura kuriwe.

Abaporisi bavuga ko uwo mugore yishe umwana wiwe mukumuha imiti irenze kuyo yari asanzwe afata (surdose). Uwo mugore niwe yaciye yihamagarira abaporisi mbere aremera ko ariwe yihekuye. Ariko ababanyi biwe bavuga ko uwo mugore yanize umwana wiwe n’umusego.


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.