Accueil > Amakuru > Mu makungu > France:Umuriro wadutse mu nzu uhitana abantu 8 bapfuye na 4 (...)
France:Umuriro wadutse mu nzu uhitana abantu 8 bapfuye na 4 bakomeretse
mercredi 2 Nyakanga 2015
Abantu umunani harimwo abana babiri nibo bitavye Imana,abandi bane barakomereka bahitanywe n’umuriro wadutse mu nzu iri mu buraruko bw’umurwa mukuru w’Ubufaransa i Paris.
Uwarokotse yari asanzwe aba muri iyo nyubakwa yavuze ko uwo muriro watanguye kwaka nk’igihe c’isaha icumi n’igice z’igitondo mu masaha yo mu Bufaransa,aho yumva urwamo rw’abana n’abavyeyi babo bagerageza gusohoka ngo bahunge.
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Bernard Cazeneuve yishikiye muri ico kibanza,yavuze ko hakiri kare kugira batangaze ico uwo muriro waba wavuyeko.
Igikorwa co gutohoza kiri mu minwe y’igipolisi kijejwe ubutungane.
Umukuru w’igisagara ca Paris, Anne Hidalgo, yavuze ko izindi nzu z’uburaro 15 zashikiriwe n’ingaruka zivuye kuri uwo muriro.
Van Naris Mugisha
Messages
2 Nyakanga 2015, 14:58, par Sogo
None Uwomuriro Wadutse Kuki?
2 Nyakanga 2015, 15:49, par NKUNZIMANA ERIC WA KINYINYA
Ahubwo abarundi n’ayandimakungu turakwiye gutorer’inyishu ibibazo biduhanze tukava ibuzimu tukaja ibuntu.
2 Nyakanga 2015, 15:50, par NKUNZIMANA ERIC WA KINYINYA
Ahubwo abarundi n’ayandimakungu turakwiye gutorer’inyishu ibibazo biduhanze tukava ibuzimu tukaja ibuntu.
2 Nyakanga 2015, 15:51, par NKUNZIMANA ERIC WA KINYINYA
Ahubwo abarundi n’ayandimakungu turakwiye gutorer’inyishu ibibazo biduhanze tukava ibuzimu tukaja ibuntu.
2 Nyakanga 2015, 15:52, par NKUNZIMANA ERIC WA KINYINYA
Ahubwo abarundi n’ayandimakungu turakwiye gutorer’inyishu ibibazo biduhanze tukava ibuzimu tukaja ibuntu.