Accueil > Amakuru > Mu makungu > France: Umushikiranganji w’ubutungane yatanze imihoho
France: Umushikiranganji w’ubutungane yatanze imihoho
mercredi 27 Nzero 2016
Umushikiranganji w’ubutungane mu gihugu c’Ubufaransa Christiane Taubira, yatanze imihoho, imbere y’umwanya muto abashingamateka bige itegeko ryo kwaka ubwenegihugu abagiriwe n’icaha c’iterabwoba.
Amakuru ava mu gihugu c’Ubufaransa avuga ko Taubira Christiane yatanze imihoho kubera kwanka iyo nteguro y’itegeko.
Iryo tegeko ryaje inyuma y’ibitero vy’iterabwoba vyabaye kw’igenekerezo rya 13 ukwezi kw’icenda mu bice bimwe vy’umurwa mukuru w’Ubufaransa Paris,aho abantu 130 bishwe.
Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, Christiane Taubira yavuze ko, rimwe rimwe kubandanya kwanka ibintu atari agasuzuguro, ariko kandi mu kindi gihe, kwanka bisigura kugenda.
Ikibanza co kurongora ubushikiranganji bw’ubutungane ca Christiane Taubira caciye gifatwa na Jean Jacques Urvoas
IGIHE
Messages
27 Nzero 2016, 17:53, par None?
Ubu fransa burakwiye kujamubiganiro kandi bikabera hanze yigihugu atanakimwe burinzegusaba.
27 Nzero 2016, 20:35, par evariste
Kwaka ubwenegihugu umuntu wabuhaye ni uguhonyanga agateka kazina muntu. Kandi kubona abatere ubufaransa bica abantu barenga amajana abiri kumusi umwe iryo ni ihonyabwoko igihugu kigirira abanyagihugu baco. Turasavye ubufaransa bwemere ibiganiro bihuza leta nabayigwanya bizobera hanze yigihugu. muri icogihe u Burundi bwabaye rurangiranwa mugucungera amahoro kw"isi bwoba buritegura kuja kugarura umutekano mubufaransa. kuko biribonekeza ko leta ifise uruhara mubantu birirwa baricwa bakabeshera abihevyi.
27 Nzero 2016, 20:46, par singirankabo louis
vyobera muburundi kandi bigahagarikirwa numuhuza wumurundi. canke vyanse turungikeyo inteko!
27 Nzero 2016, 21:26, par caratuvunye ntiturekura
none? ndagushigikiye kimwe nibabe baraharana kuko hoho mbona bitoroshe umwavako uwundatarukirako izobazita itwaro zamagaburanyama.com
twe uburundi turikwije
28 Nzero 2016, 05:27, par ADmune
Bagomba Batangure Kubadodobereza Abatavuka Aho Mu Bufraransa Hama Babasubize Africa Mu Muriro Utazima Ndagukeje Uri Umugabo
28 Nzero 2016, 08:19, par Kabizi
nagirango biri muri africa gusa none no mubazungu biriyo nihabe ibiganiro hemezwe reta mfatakibanza ndumva hollande vyamunaniye kandi bibere inyuma y’igihugu
28 Nzero 2016, 12:24, par NZOBAMBONA
HAHAHAHA.DEMOKARASI AHO HANTU YARATEYE IMBERE SI GUSA