Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Francine Niyonsaba na Antoine Gakeme bazokwitaba amahiganwa y’i Rio de (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Francine Niyonsaba na Antoine Gakeme bazokwitaba amahiganwa y’i Rio de (...)

Francine Niyonsaba na Antoine Gakeme bazokwitaba amahiganwa y’i Rio de Janeiro

mardi 8 Nyakanga 2015

Francine Niyonsaba na Antoine Gakeme bose biruka ku kirere c’imetero 800, baronse uburenganzira bwo kwitaba amahiganwa mpuzamakungu yo kunonora imitsi azobera mu gisagara ca Lio de Janeiro mu gihugu ca Bresil.

Kuwa gatandatu igenekerezo rya 5 Nyakanga 2015,mw’ihuriro ry’abanonotsi ryabereye mu gisagara ca Padova mu gihugu c’Ubutariyano,Francine Niyonsaba yirutse imetero 800 mu munota 1,amasegonda 59 n’ivyijana 62,umwanya wamuhaye uburenganzira bwo kwitaba amahiganwa azobera i Lio de Janeiro mu mwaka w’2016.

Ku rwego rw’abagabo,Antoine Gakeme nawe yirutse izo metero 800 mu munota 1,amasegonda 46 n’ivyijana 33,nawe aca aronka uburenganzira bwo kuzokwitaba amahiganwa azobera mu gisagara ca Lio de Janeiro.

Vyari vyitezwe ko umunonotsi Francine Niyonsaba yitaba amahiganwa yo kunonora imitsi ku rwego rwa Afrika yabereye mu gihugu ca Kongo Brazaville,ariko abicishije ku rubuga rwiwe rwa facebook yavuze ko atagiye kuko igihugu camumenyesheje ko ata buryo buhari.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.