Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Francine Niyonsaba umunonotsi wa mbere kw’isi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Francine Niyonsaba umunonotsi wa mbere kw’isi

Francine Niyonsaba umunonotsi wa mbere kw’isi

jeudi 6 Ruheshi 2013

Umurundikazi Francine Niyonsaba yiruka imetero 800, yaraye yerekanye ubunonotsi afise kurusha abandi kw’isi mu kwiruka mu mwanya muto.

Mu kiganiro cahawe abanditsi n’abamenyeshamakuru ejo ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 5 Ruheshi 2013, Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yarashimiye bimwe bivuye k’umutima, abarundi badahengeshanya guteza imbere igihugu nka Francine Niyonkuru yerekanye Uburundi neza mu makungu mu kugaragaza ubunonotsi n’ishaka afise ryo gukora.

Inyuma y’ukuba uwa mbere mu kwiruka imetero 800 ku minota ibiri (2 :00.33), mw’ihinganwa ryo kwinonora imitsi ryo muri Rusama 2013, ryitiriwe Shanghai IAAF Diamond League Meeting ryari ryabereye mu gihugu c’Ubushinwa, ku munsi wa gatandatu urangiye, igenekerezo rya 1 Ruheshi 2013, kuri Eugene Prefontaine Classic, muri Leta zunzubumwe za Amerika, Francine Niyonsaba niwe yarerekanye ubunonotsi n’ubukerebutsi afise kurusha abandi mu gushika ubwa mbere.

Muri iryo higanwa ryabereye muri Leta zunzubumwe za Amerika, yirutse k’umunota 1 n’amasegonda 56 (1 :56.72).Francine Niyonsaba akaba yatangaje benshi uno mwaka kubona ashobora kuba uwa mbere kw’isi mu kwiruka imetero 800 ari umwigeme.

Ubu Uburundi bukaba bwaciye imbere Leta zunzubumwe za Amerika, Uburusiya na Kenya kuri izo metero. Umukuru w’igihugu c’Uburundi n’abarundi bakaba baranezerejwe no kuri iyo ntambwe Francine yagezeko. Mu kumushimira bamubwiye : « Urakoze »


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.