Accueil > Inkino > Amahiganwa > Francine NIYONSABA yatahukanye ikibanza ca kabiri
Francine NIYONSABA yatahukanye ikibanza ca kabiri
dimanche 21 Myandagaro 2016, par
Umurundikazi Francine NIYONSABA yatahukanye ikibanza ca kabiri, mu gice ca nyuma c’abasiganwa ku metero amajana umunani, mw’ihiganwa rya "Jeux Olympiques 2016" ryariko ribera i Rio de Janeiro.
Ikibanza ca mbere catahukanye umunonotsi Caster SEMENYA wo muri Afrika y’epfo yirutse imitero amajana umunani, mu mwanya ungana na 1:55.28. Caster SEMENYA yatsindiye umudari w’inzahabu.
Ikibanza ca kabiri catahukanye umurundikazi Francine NIYONSABA yirutse izo metero amajana umunani mu mwanya ungana na 1:56.49. NIYONSABA yatahukanye umudari w’ifeza.
Ikibanza ca gatatu kirimwo Margaret Wambui wo mu gihugu ca Kenya, yirutse imetero amajana umunani nyene mu mwanya ungana na 1:56.89, atahukana umudari w’umujumbu. Uwo mudari Francine NIYONSABA aronse niwo ugize kabiri uronse Uburundi, mu mateka y’ico gihugu. Umudari wa mbere watahukanwe na Venuste NIYONGABO i Atlanta, mu mwaka w’1996.
Mu kibanza ca nyuma hari umunya Canada Melissa Bishop yirutse izo metero mu mwanya ungana na 1:57.02
IGIHE
Messages
21 Myandagaro 2016, 11:09, par Murundi
MISS BURUNDI NUWO FRANCINE WEWE AGIZE ICO AMARIRA UBURUNDI! NAYO ABASIGAYE WAPI. MBE UWO MISS YAMAZE IKI ? ARIKO FRANCINE YAKOZE IBIHAMBAYE KUGIRA ARONKE ICO KIBANZA.
21 Myandagaro 2016, 13:49, par Hategekimana J M Vianney
Uvuzukuri!
21 Myandagaro 2016, 16:06, par clement
francine ndagukeje cane urateye iteka igihugu cacu cu burundo Imana iguhezagire terimbere nkumuzinga
21 Myandagaro 2016, 16:20, par Kanyosha
Niyonsaba twese abarundi turakuriririmbiye indirimbo yubuhizi yigihugu:
Burundi bwacu Burundi buhire...........
Sangwanurweze sangwanurweze n’Amahoro meza.
21 Myandagaro 2016, 22:31, par Désiré
ABARUNDI TURAGUKEJE;
KOMEZ’UTERIMBERRE Nk’UMUZINGA.
23 Myandagaro 2016, 09:05, par niyonkuru aristide
turakej Francine bimwe bivuye kumutima yaraye ateturuye uburundi turavuz art felicitation
28 Myandagaro 2016, 21:56, par Niyongabo
Turagukej