Accueil > Inkino > Amahiganwa > Francine NIYONSABA yatahukanye umudari w’inzahabu muri Diamond (...)
Francine NIYONSABA yatahukanye umudari w’inzahabu muri Diamond League
vendredi 26 Myandagaro 2016
Francine NIYONSABA, umunonotsi w’umurundikazi yaheruka gutahukana ikibanza ca kabiri ku metero amajana umunani mw’ihiganwa rya "Jeux Olympiques", yasubiriye gutera iteka igihugu c’Uburundi. Yatahukanye ikibanza ca mbere mw’ihiganwa rya Diamond League de Lausanne ryabereye mu gihugu ca Suisse.
Muri iryo higanwa ryabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, Francine NIYONSABA yirutse imetero amajana umunani mu mwanya ungana na 1’57’’71.
Abanonotsi mpuzamakungu biruka ku metero amajana umunani bari muri iryo higanwa ni :
Alemu (Ethiopia)
Bishop Melissa (Canada)
Büchel Selina (Suisse)
Chebet Winny (Kenya)
Jepkosgei Nelly (Kenya)
Francine Niyonsaba(Burundi)
Prischepa Nataliya (Ukraine)
Sharp Lynsey (Grande Bretagne)
Sum Eunice Jepkoech (Kenya)
Wambui Margaret (Kenya)
IGIHE
Messages
26 Myandagaro 2016, 08:56, par Nduwarugira Eric
turamukeje nabandanye atera imbere nkumuzinga yongere ateze imbere igihugu ciwe camwibarutse
26 Myandagaro 2016, 10:22, par Désiré ngendakumana
Turamukeje kukibanza ciza cane yasubiye kuronka muri Suisse.
Komera Kw’Ibanga.
Urabikwiye.N’Insigabwenge,bwabundi abarundi bafise ingabire nyinshi cane.
Zikoreshe neza.
26 Myandagaro 2016, 11:39, par ndandaye
proud of you francine!!go ahead!!tu es une fierté pour le pays!!!
26 Myandagaro 2016, 11:46, par Komera
Komera ,komera, komera, komera, komera. Uri umwigeme extraordinaire.
26 Myandagaro 2016, 14:54, par japhet
Bravo Francine
26 Myandagaro 2016, 16:17, par Hutsi
Ndagukeje kuko uduteye iteka twese abarundi/u Burundi, Imana yakuduhaye ikudutungire, wakomewe amashinamakungu izubaryaka ibendera ryu Burundi muguhungabana ryivayo, sangwanurweze sangwan’Amahoromeza.
26 Myandagaro 2016, 16:36, par petero
Felicitations Francine. Mais je ne vois pas Semenya from south Africa sur les 800m women results . !!!?????
26 Myandagaro 2016, 17:07, par Rukundo
Tera iteka Uburundi utere uja imbere twihoze ababutera ama grenade n’amasasu.
26 Myandagaro 2016, 19:43, par Fatu
Congratulations kana k’iwacu !
26 Myandagaro 2016, 20:16, par www
K Dieu vs Guide en ts !!
26 Myandagaro 2016, 23:27, par Frédéric Niyonsaba
Amahoro Nimpeso Y’umutunzi N’umworo,Tubumbatire Amahoro Ntidukine N’umuriro, Tworwanira Gute Amakoma Kandi Twese Twubaka Inzu Imwe?
27 Myandagaro 2016, 10:08, par ISAAC
KOMER KUMUHETO UTERE ITEKA UBURUNDI BWAKWI BARUTSE TUVUGWE HOSE
27 Myandagaro 2016, 19:43, par Ndayisena Daniey
NUKURI NITEKA KUBURUND BWACU NAH HARIH ABABUVUGA NAB IVYIZ VYO BIRIY PEEE
14 Munyonyo 2016, 22:32, par ezechuele.
Ndipfuza Kumenye Amakuru Yuwomukobwa?
22 Nzero 2017, 05:55, par Fabrice Sindayihebura.
Francine N.Umwana W,igihugu Abushitse.Nakomere Gose.
13 Myandagaro 2017, 00:34, par Ernerte Nitereka
turumukej twongera dukeza nuburund hanyuma nashaka kubaza kuki kenya kirungika abanonotsi beshi
28 Myandagaro 2018, 23:47, par J NDEDIEU
AFIT IMYAKA INGAH?