Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Francine Niyonsaba yatahukanye ikibanza ca mbere mu Butariyano - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > course > Francine Niyonsaba yatahukanye ikibanza ca mbere mu Butariyano

Francine Niyonsaba yatahukanye ikibanza ca mbere mu Butariyano

lundi 14 Nyakanga 2015

Umunonotsi w’umurundikazi Francine Niyonsaba yatahukanye ikibanza ca mbere mu kwiruka imetero 800,mu mahiganwa yabereye mu gihugu c’Ubutariyano,mu gisagara ca Pedova kuw’Imana igenekerezo rya 13 Nyakanga 2015.

Francine Niyonsaba yirutse izo metero 800,mu munota 1,amasegonda 57 n’ivyo ijana 62,imbere y’uwabaye uwa kabiri,umunyakenya Faith Chepngetich Kipyegon yirutse ico kirere mu munota 1,amasegonda 58 n’ivyo ijana 2.Uwabaye uwa gatatu ni Olha Lyakhova ava mu gihugu ca Ukraine yirutse mu munota 1,amasegonda 58 n’ivyo ijana 64.

Mwomenya ko muri ayo mahiganwa harimwo kandi umusore Antoine Gakeme nawe yiruka ku metero 800 nyene,Francine Niyonsaba akaba aronse uburenganzira bwo kwitaba amahiganwa mpuzamakungu azobera mu gisagara ca Rio de Janeiro mu gihugu ca Bresil.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.