Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
François Bizimana : Ntacotuma Reta yanka amatohoza kuvyagirizwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > François Bizimana : Ntacotuma Reta yanka amatohoza kuvyagirizwa (...)

François Bizimana : Ntacotuma Reta yanka amatohoza kuvyagirizwa Imbonerakure

mardi 15 Ndamukiza 2014

Mu mugambwe CNDD urongowe na Leonard Nyangoma bamenyesha ko atacotuma Reta y’Uburundi yanka ko habaho amatohoza mpuzamakungu kuvyagirizwa intwazangabo z’igisirikare c’Uburundi ko zahaye ibirwanisho Imbonerakure. Kubw’uwo mugambwe, ukuri ukwo kwoba kuri kwose kumenyekanye bizofasha Reta y’Uburundi.

Icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU giheruka kumenyesha ko urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD mu ntara za Bururi na Makamba zahawe ibirwanisho bigizwe n’inkoho n’imipanga. Muri urwo rwandiko rwo mw’ibanga, haravuzwe n’intwazangabo zibiri zo mu gisirikare c’Uburundi zagirizwa ko arizo zihagarariye ivyo bikorwa vy’itangwa ry’ibirwanisho.

Mu kiganiro abashikiranganji batatu ba Reta y’Uburundi aribo uw’umutekano, uw’ukwivuna abansi n’uw’ubutungane bagirishije, bamenyesheje ko bidakenewe ko hoshingwa umurwi mvanakungu wigenga w’itohoza, nk’uko vyasabwe na Adama Dieng, icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe ibibazo vy’ihonyabwoko.
N’aho Gabriel Nizigama yamenyesheje ko uwo murwi w’itohoza udakenewe kuko ivyavuzwe abifata nk’ibihuha, mu mjgambwe CNDD urongowe na Leonard Nyangoma siko babibona.

JPEG - 27 ko
Gabriel Nizigama, umushikiranganji w’umutekano avuga ko amatohoza y’umurwi mvamakungu adakenewe, kuko Uburundi bwifitiye inzego zikwiye, kandi zibishoboye

François Bizimana, umuvugizi w’umugambwe CNDD avuga ko ahubwo Reta yari ikwiye kwemera ko uwo murwi w’itohoza ujaho, kuko inyuma y’amatohoza nibasanga ivyashikirijwe ari ibinyoma n’ibihuha, ni Reta izohungukira kuko izokurwako iceyi, yongere isaba ko abagirijwe bokwezwa, bagahabwa n’indishi. Bishitse n’aho ayo matohoza akerekana ko ivyashikirijwe ari ukuri, Reta izoheza yereke abari batanze ico cegeranyo ko yiteguriye gufata ingingo zose zikenewe kugira ihane abazoba bagirijwe iryo tangwa ry’ibirwanisho. Nk’uko bishikirizwa na François Bizimana, umuvugizi w’umugambwe CNDD, ntivyumvikana ingene abategetsi boguma bavuga ko babeshuje, kandi amatohoza atarakorwa, ari nayo yofasha kwerekana namba ivyavuzwe mu rwandiko rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ari ibihuha n’ikinyoma.

JPEG - 28.4 ko
François Bizimana, umuvugizi w’umugambwe CNDD

Tubibutse ko imvugo ibandanya gukoresha n’abategetsi b’Uburundi harimwo n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, kuri ico kibazo c’Imbonerakure zahawe ibirwanisho ari ukubeshuza, bakamenyesha ko abavuga ko Imbonerakure za CNDD FDD zahawe ibirwanisho ari ikinyoma. N’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, mu rugendo yahoramwo mu gihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, ubutumwa yashikirije bwabaye ukwiyamiriza urwo rwandiko n’ukwamirira kure ibivugwamwo.


Egide Nduwimana

Messages

  • Reka dusabe uwo muvugizi nawe nabo muri societes civiles basabe ONU ishire ahabona ivyemezo vyose ifise kugira ikimyoma gikubitirwe ahashashe kuko ubu ntituzi uwuvuga ukuri hagati ya leta na ONU.

  • Abaserukira ONU ngaha muburundi ntacizere abarundi tukibafiseko!,kuko barataye umuco n,ibanga bari bajejwe kugujana nyabahururu,bakemera bagatamikwa ibinyoma bitangwa na opposition(ADC,Ikibi) yongaha iburundi. hamwe namashirahamwe amwamwe yironderera inyungu zayo,atari kuneza yabenegihugu.uwo aserukira ONU onyanga akwiye guhindugwa,agasubirizwa nuwundi yoba azi icakora,atahengamira kuruhande rumwe ,kandi adatamikwa ibihuha na oposition.

  • UWO MU MININSTRE WA SECURITE YIBAGIYE IVYO YAKOZE MU KIBIMBA YIGA MURI UNIVERSITE EREGA NTITWAVYIBAGIYE KANDI AZOTINDA ASHIKIRWE...UWANKA AMATOHOZA NONE NTIBIGARAGARA KO ABA YIYOTSA IKINTU NINDE ATOBIBONA!!!!GABRIEL NARINDIRE UKURI KUJE AHABONA ,,AHO MWAKA ONU MUFISE IKI NGO MUYIHARIRIZE ...

  • @Mwarimu: Vugira igitwe cawe, Abarundi ubareke, kuko ntawagusavye kubavugira...

  • Francois Bizimana, Ubwonawe niyaba utari mubahimvye ibiriyabinyoma ubonakoko harumuntuyokubwirako reta yuburundi yotanga imipanga yogukora genocide ukavyemerakoko?

  • Ariko buriya akabi gatwengwa nka keza, bamwe ngo Mama, abandi ngo Mama ninde ari mukuri ? None jewe mfise ikibazi kimwe gusa kuri Leta nikuki yibaza ko ariyo iri mukuri yonye? munyishura abasoma canke abatohoza, none Leta na ONU bapfa iki? kugira ngo leta yunve ko ONU yokwaduka ngo igira ibeshe, ahubwo buriya iyo hari amatati hagati y’abantu babiri agahinyuza n’isura nibareke rero bemere amatohoza ataho yegamiye? hama turabe ico atanga.
    ikindi naco numwana muto arunva kandi arabona ngaha mur burundi utari mu CND_FDD ntajambo ufise, uwundi mugambwe wose urarotezwa, izo mbonerakure wunva mama mugohugu cose nizo ziganza,ejo bundi ho ngo amaso y’igikere ntabuza abavoma ahahhhhhhhhhhaa nukuraba neza hirya no hino induru mu gihugu ngo imbonerakure none ko tacamira amakuru yama ari imbonerakure, nonngere nibarize abanyagihugu nabo barabesha, iyo bavuze ko naho nyene bavugan ngo barababeshera ninde atababeshera.
    NTAWITOSORA;

  • Francois bizimana uri ncabwenge,umushingantahe,etc kubona mumugambwe CDD gushika atagorane ?urumugabo abantu nkawe nibo twaridukeneye mugihugu. Ariko jewe ngire nibarize abahutu mwakabaye gute kubona mureka gutora abantu bashingantahe bivugakuri bubwenge baruzuye mubahutu ? Mukakwirikira ibigugu abacinyi baba DD savye umuhutu wese uvane nivyobigugu bitukusha ubwoko bwabahutu

  • jye ndabona icyo nokwisabira abarundi nuko bakwubaka igihugu cyabo bakareka gupfa imigambwe..

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.