Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urukundo rwa François Hollande na Julie Gayet ruriko rurashuha mu (...)
Urukundo rwa François Hollande na Julie Gayet ruriko rurashuha mu mpisho
vendredi 7 Ntwarante 2014
Naho François Hollande, umukuru w’igihugu c’Ubufaransa atarashira ahabona imigenderanire y’urukundo ruri hagati yiwe n’umukinyi w’amareresi Julie Gayet, imigenderanire yoyo iriho. Baciye ku butumwa bugufi sms no guhamagarana kuri za gendanwa niho bayagira.
Kuva hamenyekanye imigenderanire iri hagati ya François Hollande n’umukinyi w’amareresi Julie Gayet, uwo mukinyi ntiyasubiriye kuza araja ahabona cane. Bivugwa ko yigumira mu nzu yiwe asanzwe akoreramwo, iri ku murwa mukuru w’igihugu c’ubufaransa Paris. Aho niho yigumira umunsi wose n’abagenzi biwe. Naho rero atawoba aramubona ari kumwe na Hollande, boba baguma bandikiranira ubutumwa bugufi sms umunsi wose. Abagereye abo bantu babiri, babonako bazogenda berekana urukundo rwabo buhoro buhoro.
Umukuru w’igihugu François Hollande nawe nyene arabinyegeza cane, bituma rero aba n’abandi bibaza ko yoba adashaka ku bababaza uwo baherutse kuvana Valerie Trierweiler. Ariko rero, abegereye Julie Gayet bavuga ko naho vyoba uko ata kosa ryoba ririmwo, kubera Hollande na Valerie bahebanye kera. Ivyo yabimenyesheje ku kinyamakuru Paris Match.
Chérif Nkeshimana
Messages
7 Ntwarante 2014, 13:29, par Gicocoro
None burya Hollandais president ntamukenyezi yarafise babana ubu?ahoho nace akwegerako uwonyene amuraba akajisho keza?erega na Hollandais nawe nyene n’ikiremwa,naw araribwa!
7 Ntwarante 2014, 14:05, par Tubirabe
None burya umukuru w,igihugu arabaho adafise umugore?Igihugu nkico cigihangange.Ariko ngira constitution abo irabimurekurira.