Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Frederic BAMVUGINYUMVIRA yatanze imihoho mu mabanga yahora ajejwe muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Frederic BAMVUGINYUMVIRA yatanze imihoho mu mabanga yahora ajejwe muri (...)

Frederic BAMVUGINYUMVIRA yatanze imihoho mu mabanga yahora ajejwe muri CNARED

samedi 2 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Frederic BAMVUGINYUMVIRA, icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, akaba yigeze kuba icegera c’umukuru w’igihugu, yatanze imihoho mu mabanga yari ashinzwe muri CNARED.

Mu runani CNARED ruhurikiyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA, Frederic BAMVUGINYUMVIRA yahora ajejwe amabanga akomeye y’ibibazo vya poritike muri urwo runani, akaba amenyesha ko yatanze imihoho muri ayo mabanga.

JPEG - 77.5 ko
Frederic BAMVUGINYUMVIRA

BAMVUGINYUMVIRA ashikiriza ko yamenyesheje umugambwe wiwe SAHWANYA FRODEBU kugira ugene uwundi azomusubirira muri ayo mabanga yahora afise muri CNARED.

N’aho biri uko, Frederic BAMVUGINYUMVIRA amenyesha ko akiri muri urwo runani CNARED naho yatanze imihoho mu mabanga yahora ajejwe.


IGIHE

Messages

  • Eeee...ikikinyamakuru carahorombotse nkimaraya zo mu Rwanda e se wotanga imihoho ngo ugumy mwishirahamwe Arlete arlete bombori bombola muri cnared hahahahhh mutama wacu ngo bazohera nkifu y’imijira bagaharira nohanurako abahutu bose bumutima bokwitandukanya niki kintu citwa cnared kuko iki nigikoloni kije kubohera amaboko imugongo abandi rero tuciyamiriz twivuy inyuma muzoba mukoze.

  • Abo batama bacu nibave murugwo runani kuko abarugize na bagomba gusubiza igihugu mukaga.Kuko niyubutungane bwarondera abakoze ibibi nabonyene barokurikiranwa.

  • Muraheze Nkifu Yimijira Karabaye Pee!!!

  • Reka Gukurikira Ubwije Za Murabona Kure

  • Ahorero ntubona kubaye umushingantahe abushitse nabandi nibave ibuzimu baje ibuntu boye gukwirikira ubwije
    Bamenye abo bakwirikiye abaribo........

  • Kamera mutama wirimbuye nabandi Bobo giraffe nkuko.

  • ABAHUTU NIKO TWAMYE NIKUKI ?TUGUMA DUKORA IBITAMEZENEZA AHO USANGA YARIYE IBITURIRE UKO N’IKO ABAHUTUBAMYE CANKE USANGE NI UMUGAMBI WARETA NIBADUHE AMAHORO GUSA,RABA IZARA IRIMUKUTUMARA

  • bazokwikurayo bose kuko nakare ntirwemeye muburundi bose abariyo ntaco bari bamariye abarundi

  • Jewe haraho nibaza atigayemwe ababantu barimurikikintu sinared ativyobarivyo aticanke nobandiko ndarota!?
    Umva iki sinared nezaneza ninkawamugambwe womugihe ca Rwagasore DPU wakorana naba coroni kugira ubangangamire Rwagasore nabarundi murirusangi.
    Ikinacongo ni sinared nikintu cababiligi bishiriyeho kugira kibangamire inyungu zuburundi nabarundi nicogituma mubona ababaligi nabobakorana bemera bakafasha sinared bivuye inyuma inyungu nizababiligi ntanyungu abarundi bazoronka muri sinared. Ndatangararero mbonye abarundi amakoti yirirwa yasanzare iminwa urufuzi rugatemba ngobarimuvya sinared nkumirwa!!!

  • Navuge icatumye atanga iyomihoho ntakigire ibanga kuko natwe dusanzwe twabonako atakigenda mururwo runani.Ahubwo nibaruhebe

  • mwagiye gukurikira ubwije garuka tubbakire mwere twubbabake igihugu mureke guhendwa na sinduhije avuga ko azohemuka asenyuye sdd fdd bashaka mubafashe gusenyerako nkimpene kandi ngomwicane mwebwe nyene garura umutima tufatane munda twubake igihugu cacu mureke gusabira ibihano abarundi ntagateka bizobaha mukuniga abene gihugu ndabacire agace ntakuntu mwari kumvikana na sinduhije atigera yemera demokrasi yashaka abagire ibikoresho ico yari kubahemba nagafuni nkuko nubu murabibona ko batazoryama ngo baribone ngo batirengeje mutama Pita ngo nabo barikumwe bose mwishamba ndabacire umugani iyikuburiye ntiba ikikuriye mutama nagume kwivora tuzorurwana gushika kuwanyuma nibaje nabo mukibira kurya mofe bumve uko ameze ngi rahe ngo niyo basha ngo muzohereyo buyoya ngo yari yaramaze kubiheza guma kwivora twabahinyuye iyo niyo mpanuro bahabwa na kagome wirwand ubona ko nawe ariko akamisha ibiziga kandi bimwe ariwe yavyishe aho yicabantu agashika no muri kongo yibaza ko tutabizi nuko impnz zirwand zabuz kivugir bizohinduk

  • Mutama Ishikane Nyene Hakiri Kare Wew Ndabonye Akenge Kagarutse Mbere Cawitahira.

  • Nkurunziza yavuze ijambo ryiza ryanezeye ati Abarundi nibatahe bubake igihugu cabo bareke kugicafuza.Ati nibagaruke muruhongore.Umuvyeyi mwiza.

  • JEWENDIBAZANTI ABANTUBIZE BAMWEBAMWE BARINUBWENGE WAMUGANI UTI INTANBARA URAYITANGURA NTUZI UKWIHERA BARIBAZIKO BAGIYE KURYA INKOKO NONE MWANYAWINKOKO NINYONI BAZOYIBURA ABARUNDI GUHEDWA TWARABISEZEYE HARIHO UMGANI WITWA BAZIVAMWO

  • URAKABON’UBIHEVYE AHUTARIBURARE UHAVAKARE

  • CNAREC ibaye imodoka itagira imipine na volant,,

  • Yewe ugizeneza kuko ubugabo tutisubirako buvyara ububwa!! Terintambwe isigaye utahe.ereganabandi turazi kwaricociyumvirobafise nukobagifisubwoba bwibibagira!! Twarasenz Imana ngontimuzogwe mwishamba iwanyuhakiriho none igenditwereka kugiraneza kwayo.turabakunda numwansi gusa yaduciyemwo,ntimwihakagozi kubwivyomwakoze kuko ibi bizotuma hahinduka vyishi muvyari vyihishije mumitima yabamwebamwe.nyakubahwa umukuru wigihugu naherahonyene nabamufasha babicukumbure ntihagirico bibagira kugirivyabaye tubivyazinyungu zakazoza kigihugu .IMANA nihubahwe uburundi nabarundi numukuruwigihugu yatowe nabenegihugu arinabo bamurinyuma..

  • Inkono Mukwanka Irava Cnard Yaramaz Yo No Gusaba Nimagaga Yatandukany

  • mwantumva za cnared nimwishikane canke tubasangiyo.

  • Na Rwasa Uragaba Kazima Twumvise Kw Inama Yo Kukwca Yabereye Mur Presidence.Va Inyuma Y,izontumva

  • Uwishikanye Ntiyerewe.Urabaza Bwa Buhungu Mu Cibitoke

  • Non Kombona Baza Baridohora Muri Uwomugwi Utavuga Rumwe Na Reta Bipfuzi Iki? Baca Baja He?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.