Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ferederiko Bamvuginyumvira yaraburanishijwe muri sentare irwanya (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ferederiko Bamvuginyumvira yaraburanishijwe muri sentare irwanya (...)

Ferederiko Bamvuginyumvira yaraburanishijwe muri sentare irwanya ibiturire

mardi 28 Gitugutu 2014

Icegera c’uwurongoye umugambwe SAHWANYA FRODEBU Ferederiko Bamvuginyumvira yararengutse muri sentare ijejwe kurwanya ibiturire, yagirizwa icaha co gutanga igiturire c’ibihumbi amajana abiri igihe yafatwa yagirizwa icaha co kurenga ibigo muri Kigarama 2013.

Ryabaye irya mbere kuri uno wa 27 Gitugutu aburanishwa muri sentare kuva aho asohokeye ibohero rya Mpimba, aho yapfungiwe amezi atatu. Abasanzwe bamufasha kuburana bashimye kubona sentare yatanguye kuburanisha urwo rubanza. Ferederiko Bamvuginyumvira co kimwe n’abamuburanira barahakana icaha yagirizwa. Nkako, ngo n’abapolisi bamuhagaritse nta bubasha bari babifitiye nk’uko Fabien Segatwa umwe mu bamuburanira abishikiriza. Kubwiwe, ivyo bisigura ko nivyo bakoze ari impfagusa.

Ifoto yafashwe n’ikinyamakuru Iwacu

Kuvyerekeye igiturire c ’ibihumbi amajana abiri yagirizwa gufumbatisha aba polisi, umwe mubashingwamanza b’iwe asigura ko ari amafranga y’igitoro yari afise ari nayo bamusavye kuzana ayavanye mu muduga kugira bayandike mu vyo bamusanganye muri dosiye. Asigura ko atari azi ko bariko baramufata amasanamu, ari nayo baciye bavuga ko yariko atanga igiturire. Uwo amuburanira yongera akamenyesha ko ahubwo hari ibitavugwa muri urwo rubanza kuko abamufashe bamufatiyeko inkoho bamusaba amafranga imiriyoni cumi. Kakaba kabaye nk’akaryo ko kwihora uwo munyeporitike mu gucafuza izina ry’iwe. Mbere abo bamuburanira basaba ko sentare yofatira ibihano abo bamufashe kuko ari ibisuma n’abambuzi.

Tubamenyeshe ko urwo rubanza ruzosubira kuburanishwa kuwa 17 Munyonyo 2014. Tubibutse kandi ko Ferederiko Bamvuginyumvira yari yafashwe kuwa 5 Kigarama umwaka w’i 2013.


Floxella KARIRE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.