Accueil > Amakuru > Poritike > FRODEBU : Domisiyano Ndayizeye yirukanywe burundu
FRODEBU : Domisiyano Ndayizeye yirukanywe burundu
lundi 8 Nyakanga 2014
Inyuma yaho mu mugambwe Sahwanya FRODEBU bamuhagarikiye ivy’imfatakibanza mu mugambwe, Domisiyano Ndayizeye yahoze arongoye Uburundi yirukanywe Burundu muri uyo mugambwe.
Umukenguzamateka Domisiyano Ndayizeye akaba yafatiwe iyo ngingo n’umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU Leonce Ngendakumana, aca abishikiriza mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru. Leonce Ngendakumana akaba yagiriza uwo yahoze arongoye Uburundi ndetse yari yaserukiye n’umugambwe FRODEBU mu matora yo mu mwaka w’2010, kuba ariko aryanisha abanyamugambwe, no gushinga inzego zibangabanganye. Domisiyano Ndayizeye akaba yagirizwa ko amaze iminsi agirisha amanama mu kinyegero, ndetse mu mugambwe bakaba baranamuhamagaye kugira yisigure ariko ararahira.
Mu gihe hari amakuru avuga ko Domisiyano Ndayizeye yoba azize ko ariko arahuza abagize umugambwe FRODEBU na FRODEBU Nyakuri urongowe na muganga Minani Yohani, Leonce Ngendakumana avuga ko ivyo bifise iyindi nzira vyariko birigirwamwo, ahubwo akavuga nyabuna ko umukenguzamateka Ndayizeye yari yamaze n’ugushinga inzego mu ntara za Gitega, Kayanza n’igisagara ca Bujumbura.
Aristide Nizigire
Messages
8 Nyakanga 2014, 15:59, par burundi buhire
nace aja kibira ondes mu zindi mbonerakure
8 Nyakanga 2014, 15:59, par burundi buhire
nace aja kibira ondes mu zindi mbonerakure
8 Nyakanga 2014, 16:33, par Mama
Rekandababwire icazira nyakubahwa Domirien Ndayizeye, Leonce Ngendakumana yahaye umwanya ukomeye ADC gusuvya FRODEBU kugezanaho kugerubu ADC yamazekuronka ubufasha bwabazoyifasha gutoba amatora barungitswe na Kagame ubu abataribake baramaze gushika Burundi ivyonavyo umu FRODEBU karuhariwe Domiaiyano Ndayizeye ntabiramutswa nubwowomwica.
8 Nyakanga 2014, 17:21, par Innocent
Aho ndayizeye domission uracafise amaronko y’amafaranga? Ayowaronse igihe wari president nimake? Wewe wari umushingantahe twese twubaha mumugambwe frodebu none nawe wakabaye uri igihemu yooooooo!! Emwe uburundi ntabagabo bukuri bakibubarizwamwo aho witegereze imyaka ufise ubona ivyobintu warukwiriye kubikora abarundibose ukuntu bari bakwizigiye bakuvuga neza noneraba ubu icubahiro cawe kigiye kukuvako ikimbabaje nikuryakuntu wisiguye ngobaguhoye kuko wagomba gusubizahamwe umugambwe frodebu none mukuwusubiza hamwe ucubanza gushinga inzego? Rekakuba uvugana kuko iyaba mumugambwe bakwanka ntibarikukwiza ngo urongore uburundi kiriya gihe wari president kandi ntibari nukugucagura ngo userukire umugambwe mumatora ya 2010 icongeyeko none ko baguhamagaye ngowisigure ukanka? Ewe Domission nukuri urimaramaje canegose ubuwibaza ko hari nuwugiye kuza arakuvuga mukanwa kiwe ntakundi nakare umukunzi w’inda arayizira sijewe nohahera hohera wewe wakunze amaronko.
8 Nyakanga 2014, 18:01, par NSHEMEZWE NGOMA
ewe vya politike vyo mu burundi biragoye!!!aho gushira imbere umwumvikano n’imigambi iteza imbere abanyagihugu,bari muvyo gukurana!!!emwe burira ntibutera kumpeshi; burakeye tuvyereke abagabo
8 Nyakanga 2014, 19:33, par NTACO NTEMANGA!
Nimba arivyo,ivyo vyinzego,yashaje!
9 Nyakanga 2014, 00:20, par JEAN MARIE
YO!WAKOZE IKOSABARAKWIRUKANANYAKUBASHWA
9 Nyakanga 2014, 08:55, par mubirigi
FRODEBU ISIGAYEMWO ABAKUNGU HIHIHIHIHIHI FRODEBU NYAKURI OYE, FRODEBU NYAKURI RAMBA.
10 Nyakanga 2014, 01:10, par @#
ntakundi twese twari tuzi kwarumushingantahe .mugabo iyo imugore atanguye kuja araguca inyuma yibaza ngontumubona kanduri namaso nukobigenda ivyo vyaba nyarwanda navyo vyobazwa mwebwe nyene mubizi mukabitangira ivyemezo bitagira iremenkanya.kuko abarundi bari inyuma yaba dd baramaze gukoronizwa niremenkanya naho musigaye muri bake.nyenicubahiro PRÉSIDENT PAUL KAGAME ndibaza ko atarajwe ishinga n’UBURUNDI arajwe ishinga niterambere ry’URWANDA kuko we akunda igihugu ciwe atita mubitamuraba.UBURUNDI ndabukunda nkababazwa nukungene butwarwa nimburakimzi.
10 Nyakanga 2014, 08:59, par kanuraburakeye
NDAYIZEYE we,urahemuts uko ntabiziga,rero nogusaba ko wokwisubirako ukazosaba ikigongwe!ntube mpemuke ndamuke...
10 Nyakanga 2014, 08:59, par kanuraburakeye
NDAYIZEYE we,urahemuts uko ntabiziga,rero nogusaba ko wokwisubirako ukazosaba ikigongwe!ntube mpemuke ndamuke...