IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Ishirahamwe Front Line Defenders ryasavye ko Bob RUGURIKA akurwako ivyaha (...)

Ishirahamwe Front Line Defenders ryasavye ko Bob RUGURIKA akurwako ivyaha yagirizwa

vendredi 23 Nzero 2015

Ishirahamwe Front Line Defenders riranegura ifatwa n’ipfungwa rya Bob Rugurika, umuyobozi wa RPA. Iryo shirahamwe ribona ko ivyagirizwa Bob Rugurika bigamije kubangamira igikorwa ciwe c’ukurwanira agateka ka zina muntu.

Bob Rugurika apfungiwe mw’ibohero rya Muramvya kuva kuri uwu wa kane, akaba yungururijwe muri iryo bohero rikuru rya Muramvya, inyuma y’imisi ibiri gusa apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura. Ishirahamwe Front Line Defenders riranegura iryo pfungwa rya Bob Rugurika, umuyobozi wa RPA, rigasaba ko yorekurwa ata kirinze gusabwa, n’ivyaha akurikiranwako bikamuvako. Iryo shirahamwe risaba kandi ko uburengenzira bw’abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi bwokwubahirizwa.

Bob Rugurika umuyobozi wa RPA akurikiranwako ivyaha bitatu bigizwe n’ukuba ataco yashikirije igihe ubwo bwicanyi bwariko burategurwa (manquement à la solidarité publique). Kuri ico caha, ingingo y’481 y’igitabu mpanavyaha itegekanya igihano c’imyaka iva kuri 10 gushika ku myaka 20.

Gukorana n’abicanyi (complicité d’assassinat). Ico caha gihanishwa umunyororo w’imyaka 20 mu ngingo ya 38 y’igitabu mpanavyaha.

Gutanga amakuru w’urubanza rukiri mw’itohozwa (Violation du secret de l’instruction). Umunyororo w’umwaka umwe ukaba ariwo utegekanywa n’ingingo y’393 y’igitabu mpanavyaha.

Kuri uwu wa kane akaba yaraye ijoro rwiwe rya mbere mw’ibohero rikuru rya Muramvya.


Egide Nduwimana

Messages

  • BARIHENDA NAHO WICA INKOKO NTIWICA ICO YAVUZE REKA TURINDIRE TUBIRABE IVYOBA VYIZA BARI KUMUREKA KUKO AZIRA UKURI KANDI NTACO BAGIKIZA KUKO TWARABAHINYUYE IRYO

  • BARUNDI BARUNDIKAZI NIMUVE HASI TUKWANIRE AGATEKA KAZINA MURUNDI WESE KUKO TURI BENE MUGABO UMWE ABARUNDI TURIBAMWE NTIMWIBAGIRE KO UYUMUNSI NI BOB EJO NIJEWE CANKE WEWE KUKI ABANSI BARAKAKA• MURAKOZE

  • ukuri kwaramenyekanye ahubwo ivyo bakora vyose ntibamwice ahubwo ubutungane ni bureke kuba igikoresho c’abanyeporitike FARAWO N’INGABO ZIWE BAZIZE UKUTUMVIRA. IYAKOZE BIRIYA N’IBINDI IZOBIKORA ISAHA YAYO ISHITSE. MANA TABARA!

  • ukuri kwaramenyekanye ahubwo ivyo bakora vyose ntibamwice ahubwo ubutungane ni bureke kuba igikoresho c’abanyeporitike FARAWO N’INGABO ZIWE BAZIZE UKUTUMVIRA. IYAKOZE BIRIYA N’IBINDI IZOBIKORA ISAHA YAYO ISHITSE. MANA TABARA!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.